2 Yamara ni je bagumye barondera uko bukeye uko bwije, bakerekana ko ukumenya inzira zanje ari kwo kubahimbara+, nk’ihanga ryashishikara ubugororotsi, ritari ryahevye ubutungane bw’Imana yabo+, kuko baguma bansaba imanza zigororotse, bakegera Imana bahimbarirwa, ngo+: