11 “Ubu rero, ndakwinginze ubwire abagabo ba Yuda n’ababa i Yeruzalemu uti: ‘Ibi ni vyo Yehova avuze: “Ehe ndiko ndababumbira ivyago kandi ndiko niyumvira iciyumviro co kubagirira nabi+. Enda nimuhindukire, umwe wese ave mu nzira yiwe mbi, inzira zanyu n’ibikorwa vyanyu mubigire vyiza+.”’”