19 Kubera ko yamugize uwuhambaye, ibisata vyose vy’abantu, imiryango yose y’amahanga n’indimi zose vyarajugumira, bigatinya imbere yiwe+. Uwo ashaka kwica yaramwica; uwo ashaka kumangura yaramumangura; uwo ashaka gushira hejuru yaramushira hejuru; kandi uwo ashaka gutetereza yaramutetereza+.