Akajambo k'epfo
c Igitabu kimwe (Cyclopedia) c’uwitwa McClintock na Strong (Igitabu ca 10, urupapuro rwa 519) kivuga giti: “Abami b’abami ntibari kureka kubona nabi ubukirisu kuko abaherezi b’abapagani bagumura abanyagihugu bitumwe n’uko ubukirisu bwariko buratera imbere bimwe biteye akoba. Ni co gituma Trajan [uwabayeho 98-117 G.C.] yaciye asohora amategeko yo gutuza intambwe ku yindi iyo nyigisho nshasha yatuma abantu banka ibimana. Intwaro ya Pline le Jeune buramatari w’intara ya Bitiniya [iyari amaja mu buraruko ku rubibe rw’intara y’Abaroma yo muri Aziya] yaravuruzwe n’ibibazo vyaterwa n’ikwiragira ryihuta ry’ubukirisu be n’ishavu ico kintu catera mu banyagihugu b’abapagani bo mu ntara yiwe.”