Akajambo k'epfo
b Naho inyenyeri indwi ziri mu kuryo kwa Yezu zigereranya abacungezi barobanuwe bo mw’ishengero rya gikirisu, abakurambere bo mu mashengero arenga 100.000 hirya no hino kw’isi muri iki gihe ni abo mw’isinzi rinini. (Ivyahishuwe 1:16; 7:9) None ikibanza cabo ni ikihe? Kubera yuko bagenwa n’impwemu nyeranda biciye ku barobanuwe bagize umugwi w’umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge, vyoshobora kuvugwa ko bari munsi y’ukuryo kwa Yezu, ni ukuvuga ko abafiseko ububasha kuko na bo nyene ari abungere batobato. (Yesaya 61:5, 6; Ivyakozwe 20:28) Barashigikira za “nyenyeri indwi” kubera yuko bakora igikorwa cari gukorwa n’abavukanyi barobanuwe.