ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO

Akajambo k'epfo

a Mu kwerekana inkomoko y’inyigisho, ibirori n’imigenzo myinshi vyo mu madini y’abiyita abakirisu yataye umurongo, umukaridinali wa Gatolika y’i Roma wo mu kinjana ca 19 ari we John Henry Newman yanditse mu gitabu ciwe (Essai sur le développement de la doctrine chrétienne) ati: “Umugenzo wo gukoresha insengero no kuzegurira aberanda, kuzishariza n’amashami y’ibiti mu biringo bimwebimwe; ugukoresha imibavu, ibimuri n’amabuji; amashikanwa atangwa igihe umurwayi akize; amazi ahezagiye; ivyo gusaba ubuhungiro; ukwubahiriza imisi n’ibiringo kanaka, ugukoresha ibirangamisi, ingendo nyeranda, uguhezagira imirima; imyambaro y’abasaseredoti, ukwiharanguza ku gakomokomo, impeta y’ababiranye, umugenzo wo kuraba mu buseruko, mu nyuma na ho ibishusho kumbure n’amashemezo ya Ekleziya hamwe na Kyrie Eleison [ururirimbo “Mukama, tugirire ikigongwe”], vyose bikomoka mu bapagani, ariko vyaragizwe vyeranda kubera vyemewe na Ekleziya.”

Aho guhezagira ukwo gusenga ibigirwamana, “Yehova Mushoboravyose” agabisha abakirisu ati: “Nimuve muri bo rero, kandi mwitandukanye na bo, . . . kandi mureke gukora ku gihumanye.”—2 Abakorinto 6:14-18.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika