Akajambo k'epfo
b Imiryango myinshi yarafashe ingingo yo gushira orodinateri ahantu bose bashobora kuyibona bitagoranye kugira bacungere ingene ikoreshwa. Vyongeye, imiryango imwimwe iragura amaporogarama ya orodinateri abuza kwinjira mu mihora itabereye. Yamara rero, uribuka ko internet umuntu ashobora kandi kuyikoresha biciye kuri telefone ngendanwa no ku twuma two mu buhinga bwa none be n’uko ata porogarama yizigirwa ijana kw’ijana umuntu ashobora kuronka.