Akajambo k'epfo
a Abayuda bamwebamwe baranena abahinguzi b’inshato, kubera yuko uwo mwuga wabo watuma bakora ku mivyimba y’ibikoko be no ku nshato zavyo, hamwe no ku bintu bishisha vyakoreshwa muri ico gikorwa. Abahinguzi b’inshato babonwa ko batabereye guhonyoza ikirenge ku rusengero, kandi ico gikorwa cabo bategerezwa kukirangurira n’imiburiburi ku metero nka 22 uvuye mu gisagara. Kumbure ni co gituma inzu ya Simoni yari «iruhande y’ikiyaga.»—Ivyak. 10:6.