Akajambo k'epfo
a Incabwenge imwe ivuga yuko ico gihe hariho ingingo yashinzwe na Sezari yabuza ko hagira umuntu n’umwe atangaza ibijanye n’«ukuza kw’umwami mushasha canke ubwami bushasha, na canecane uwovuzwe ko yobaye aje gukuraho umwami w’abami canke kumucira urubanza.» Abansi ba Pawulo bariko bagerageza gutuma ubutumwa yariko arashikiriza busa nk’aho ari ukurenga kuri iyo ngingo yashinzwe. Raba uruzitiro ruvuga ngo «Abasezari be n’igitabu c’Ivyakozwe.»