Akajambo k'epfo
d Hamani yemeye gutanga italanto 10.000 z’ifeza, zikaba zari ziciye amamiliyoni amajana n’amajana y’amadolari y’ubu. Nimba Ahasuwerusi ari we yari Zeruzi wa mbere, ayo mahera ashobora kuba yaratumye uwo mwami aca ashima iciyumviro ca Hamani. Zeruzi yari akeneye amahera menshi kugira arwane n’Abagiriki, uwo ukaba wari umugambi yari amaranye igihe, iyo ntambara ikaba yahavuye ivamwo ivyago bikomeye.