Akajambo k'epfo
e Zeruzi wa mbere yari azwi yuko inyiyumvo ziwe zahinduka bukwi na bukwi be n’uko ari inkazi. Umutohozakahise w’Umugiriki Herodote yaranditse uburorero bumwebumwe afatiye ku ntambara uwo Zeruzi yarwanye n’Ubugiriki. Uwo mwami yategetse yuko bubaka ikiraro kigizwe n’amato ahitwa Hellespont. Igihe igihuhusi casambura ico kiraro, Zeruzi yaciye ategeka ko abahinga bacubatse bacibwa imitwe, eka mbere abwira ingabo ziwe ngo zihane aho i Hellespont mu gukubita ibimoko amazi yaho hariko hasomwa n’ijwi ryumvikana amajambo yo kuhatuka. Muri iyo ntambara nyene, igihe umugabo umwe w’umutunzi yasaba ko umuhungu wiwe atojanwa mu gisirikare, Zeruzi yaciye ategeka ko uwo muhungu ahimburwamwo kubiri, umuvyimba wiwe ugaca ushirwa ahabona ngo ube ingabisho.