Akajambo k'epfo
b Agatabu Ku bajejwe igikorwa kasiguye gati: “Igikorwa [co gutanga ikinyamakuru] Ikiringo c’agakura ni isekeza ryo gushikiriza ubutumwa bw’ubwami inzu ku nzu. . . . Turetse iryo sekeza, ikinyamakuru Ikiringo c’agakura gikwiye gusigwa ku muhana umwumwe wose, umunyamuhana yaba yiyandikishije kuzoza arakironka canke atiyandikishije.” Mu myaka yakurikiye, abavukanyi baremeshejwe gusaba abantu ngo biyandikishe kuza bararonka ibinyamakuru Ikiringo c’agakura n’Umunara w’Inderetsi. Kuva ku wa 1 Ruhuhuma 1940, abasavyi ba Yehova baremeshejwe kuza baratangira rimwe ivyo binyamakuru no gushira kuri raporo igitigiri c’ivyo batanze.