Akajambo k'epfo
c Mu gitabu History of the Jews (Kahise k’Abayuda), Porofeseri Graetz avuga yuko Abaroma rimwe na rimwe bamanika abanyororo 500 ku musi. Abandi Bayuda bari bafashwe mpiri baracibwa ibikonjo hanyuma bakarungikwa ngo basubire mu gisagara. Ibintu vyari vyifashe gute aho hantu? “Amahera yari yarataye agaciro, kubera ko atashobora kugura agakate. Abantu bararwana mu mabarabara bimwe bibabaje barwanira imfungurwa ziboze utoruha ukoza no mu kanwa, utwatsi tw’inticantikize, agace k’urushato, canke ibisigazwa vy’ibifungurwa batereye imbwa. . . . Kubera ibiziga bitafubwa vyaguma vyongerekana cane, vyatumye umuyaga uvanze n’ubushuhe bwinshi wo mu ci uteza indwara z’ibiza, vyongeye abanyagihugu barahitanwa n’indwara, ikigoyi hamwe n’inkota.”