Akajambo k'epfo
a Imbere ya rya hinduka ryaba mu Burusiya muri Gitugutu 1917, Uburusiya bwakoresha ikirangamisi ca kera citiriwe Jules, ariko ibihugu nka vyose vyari vyarahinduye bikoresha ikirangamisi citiriwe Geregori. Mu 1917 ikirangamisi citiriwe Jules cari inyuma imisi 13 ugereranije na kigenzi caco citiriwe Geregori. Inyuma y’iryo hinduka Abasoviyeti barahinduye bakoresha ikirangamisi citiriwe Geregori, bica bituma Uburusiya bugendera hamwe n’ibindi bihugu vyo kw’isi. Ariko rero, Idini rya Orotodogisi ryagumye rihimbaza imisi mikuru yaryo ryisunze ca kirangamisi citiriwe Jules, rikavuga ko ari ikirangamisi gikoresha “Uburyo bwa kera”. Ushobora kuba wumva ko Noweli mu Burusiya ihimbazwa igenekerezo rya 7 Nzero. Ariko rero, ntiwibagire ko ku kirangamisi citiriwe Geregori iryo genekerezo rya 7 Nzero rihurirana n’igenekerezo rya 25 Kigarama ku kirangamisi citiriwe Jules. Ni co gituma Abarusiya benshi batunganya imisi mikuru irangiza umwaka muri ubu buryo: 25 Kigarama, Noweli y’abo mu Buraya bwo mu Burengero; ku wa 1 Nzero, Umwaka mushasha; ku wa 7 Nzero Noweli y’Aborotodogisi; ku wa 14 Nzero, Umwaka mushasha hakurikije ikirangamisi gikoresha uburyo bwa kera.