Akajambo k'epfo
a Ububasha ikimazi c’igitungwa cari gifise bwo guhongera ibicumuro bwari mu maraso yaco, ano Imana ikaba yayabona ko ari meranda. (Abalewi 17:11) None ivyo vyoba bisigura ko amashikanwa y’ifu umukene yatanga ata gaciro yari afise? Si ko biri. Nta gukeka ko Yehova yaha agaciro umutima wo kwicisha bugufi kandi ukunze ayo mashikanwa yatanganwa. N’ikindi kandi, ibicumuro vy’ihanga ryose uko ryakabaye, harimwo n’ivy’abakene, vyarapfukwa n’amaraso y’ibitungwa vyashikanirwa Imana ku Musi w’Impongano wahimbazwa buri mwaka.—Abalewi 16:29, 30.