Akajambo k'epfo
a Biboneka yuko ico giti c’umwelayo kitagereranya Isirayeli yo ku mubiri. Naho Isirayeli yo ku mubiri yatanze koko abami n’abaherezi, iryo hanga ntiryacitse ubwami bw’abaherezi. Abami bo muri Isirayeli, itegeko ntiryabarekurira kuba abaherezi. Ku bw’ivyo rero, Isirayeli yo ku mubiri ntiyabaye igiti c’umwelayo c’ikigereranyo. Ng’aho Paulo ariko aratanga ikigereranyo cerekana ingene intumbero Imana ifise yo gutuma haba “ubwami bw’abaherezi” iranguka mu bijanye na Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu. Ivyo biragira ico bihinduye ku makuru yasohowe mu Munara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 15 Myandagaro 1983, urupapuro rwa 14-19.