Akajambo k'epfo
b Izuba rirenze, uwa 15 Nisani waratanguye, ivyo bikaba vyasobanura ko Isabato yama igirwa buri ndwi (ku wa gatandatu) muri uwo mwaka yahuriranye n’umusi wa mbere w’Umusi mukuru w’udutsima tutarimwo umwambiro, uno ukaba wama ari isabato. Kubera ko izo Sabato zibiri zahuriranye, yari Isabato ‘ikomeye.’—Soma Yohani 19:31, 42.