Akajambo k'epfo
a Hari abahinga mu vya Bibiliya bavuga ko Yuda yanditse ayo majambo ayakuye mu gitabu kitemewe, citirirwa Henoki. Ariko rero, ico gitabu bitirira Henoki ni igitabu c’amanyanga, ata wuzi n’iyo cazananye. Naho kirimwo ubuhanuzi Henoki yavuze, ubwo buhanuzi bushobora kuba bwakuwe mw’isôko rya kera ubu ritakiriho, irishobora kuba ari icandikano canke inkuru zahanahanwa ku munwa. Yuda ashobora kuba yikoze kuri iryo sôko nyene, canke akaba yamenye ivya Henoki abibwiwe na Yezu, kuko igihe Yezu yari mw’ijuru yiboneye ingene Henoki yabayeho.