Akajambo k'epfo
a Igihe ba inabibondo bamwebamwe bagize akabonge gafata abahejeje kwibaruka, vyoshobora kubagora kwiyegereza cane inzoya zabo. Ariko rero, ntibakwiye guca biyagiriza. Ikigo ca leta kiraba ivy’indwara zo mu mutwe muri Amerika, kivuga ko ako kabonge “kadaterwa n’ivyo umuvyeyi aba yakoze canke ataba yakoze.” Wipfuza amakuru yiyongereye, raba ikiganiro kivuga ngo “Nutahure ibijanye n’akabonge gafata abahejeje kwibaruka” co muri Be maso! (mu gifaransa) yo ku wa 8 Ruheshi 2003.