Akajambo k'epfo
b Kurungikira abandi ibiterasoni kuri telefone ni ukubarungikira ubutumwa, amafoto be n’amavidewo bivuga ivy’igitsina. Bivanye n’uko ibintu biba vyifashe, vyoshobora kwicarirwa na komite ncarubanza. Vyarashitse abarungikira abana mwene ivyo bintu barashengezwa muri sentare, bagirwa n’icaha co kwonona abana. Ushaka amakuru yiyongereye, ja kuri jw.org maze usome ikiganiro kivuga ngo “Ibibazo urwaruka rwibaza—Ni ibiki nkwiye kumenya ku bijanye n’ukurungikiranira ibiterasoni kuri telefone?” (Raba ahavuga ngo INYIGISHO ZO MURI BIBILIYA > IMIYABAGA.) Nurabe n’ikiganiro kivuga ngo “Kuyaga ivyerekeye ubutumwa buteye isoni buhanahanwa kuri telefone” muri Be maso! yo muri Munyonyo 2013, rup. 4-5.