Akajambo k'epfo
b INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Mu gihe co gusukura Ingoro y’Ubwami, umuvukanyi Joe arahagarika igikorwa kugira ayage n’uwundi muvukanyi be n’agahungu kiwe. Umuvukanyi Mike aciye ashavura kubera Joe amutanye akazi. Yibwira ati: ‘Umwanya w’akazi uhindutse uwo kuganira?’ Mu nyuma Mike arihweza ingene Joe yitwararikana ubuntu mushiki wacu ageze mu zabukuru, bigatuma arushiriza kuzirikana kamere nziza za Joe.