Akajambo k'epfo
a Turakunda cane Yehova, kandi twipfuza gukora ivyo dushoboye vyose mu murimo wiwe. Ivyo vyoshobora gutuma twipfuza kwagura umurimo wacu, canke gukwiza ibisabwa kugira dushingwe amabanga yiyongereye mw’ishengero. Ariko none vyogenda gute hamwe twokora uko dushoboye kwose, mugabo ntidushobore gushika ku migambi imwimwe? Ni gute twoguma dukora vyinshi maze tukagumana umunezero? Inyishu tuyisanga mu mugani w’italanto Yezu yatanze.