Akajambo k'epfo
a Umuntu yigaya vy’ukuri ntavuga gusa ko yicujije ku gicumuro yakoze. Iki kiganiro, kirakoresha akarorero k’Umwami Ahabu, ak’Umwami Manase, n’aka wa mwana w’icangazi Yezu yavuga mu mugani wiwe, kugira ngo kidufashe gutahura ico ari co ukwigaya nyakuri. Kiraza no kutwereka ivyo abakurambere bategerezwa kurimbura, igihe basuzuma nimba uwakoze icaha gikomeye yigaya vy’ukuri.