Akajambo k'epfo a Bibiliya irerekana kandi ko Yehova akora ibintu «ku bw’izina ryiwe.» Nk’akarorero, arabayobora, akabafasha, akabakiza, akabaharira akongera akabazigama. Vyose akabigira ku bw’izina ryiwe rihambaye Yehova.—Zab. 23:3; 31:3; 79:9; 106:8; 143:11.