Akajambo k'epfo
b Ugukoraniriza hamwe «ivyo mw’ijuru n’ivyo kw’isi» Pawulo yavuze mu Banyefeso 1:10, kuratandukanye n’ugukoraniriza hamwe ‘abatowe’ Yezu yavuze muri Matayo 24:31 no muri Mariko 13:27. Pawulo yariko yerekeza ku gihe Yehova atora abana biwe bo mu buryo bw’impwemu akabarobanuza impwemu nyeranda. Yezu na we yariko yerekeza ku gihe abarobanuwe bazoba bagisigaye kw’isi bazokoranirizwa mw’ijuru mu gihe ca ya makuba akomeye.