Akajambo k'epfo
c Ku bijanye na kahise k’imisi 40 y’ikarema, igitabu kimwe (New Catholic Encyclopedia) kigira giti: “Mu binjana bitatu vya mbere, ikiringo co kwisonzesha mu kwitegurira Pasika nticarenza indwi imwe; akenshi camara umusi umwe canke ibiri. . . . Ahantu ha mbere havugwa ivy’imisi 40 ni mu ngingo igira gatanu y’ivyapfunditswe muri ya nama y’i Nicée (yabaye mu 325), naho abahinga bamwebamwe batemera neza ko ico kiringo cerekeza kw’ikarema.”—Integuro ya kabiri, igitabu ca 8, urupapuro rwa 468.