Akajambo k'epfo
a Izina Yehova mu giheburayo rigizwe n’indome zine יהוה (YHWH), izikunze kwitwa Tetaragarama. Muri uwu murongo, iryo zina ryahinduwe ngo Uhoraho muri Bibiliya Yera. Ushaka ayandi makuru ku bijanye n’izina Yehova hamwe n’igituma Bibiliya zimwezimwe zidakoresha iryo zina, raba ikiganiro kivuga ngo “Yehova ni nde?”