Ku wa gatatu, 15 Gitugutu
Jewe ndi Alufa na Omega.—Ivyah. 1:8.
Mu ndome z’ikigiriki, alufa ni rwo rutangura, omega na rwo rugasozera. Mu kwidondora ko ari «Alufa na Omega», Yehova aba ashaka kwerekana ko iyo atanguye ikintu, agikora gushika agisozereye. Yehova amaze kurema Adamu na Eva, yababwiye iti: «Nimurondoke, mugwire, mwuzure isi kandi muyiganze.» (Ita. 1:28) Ico gihe, ni nk’aho Yehova yari avuze ngo «Alufa.» Yaratomoye umugambi yari afise, na wo ukaba wari uko hogeze igihe abakomoka kuri Adamu na Eva batagira akanenge kandi bagamburuka, bokwuzuye isi bakongera bakayihindura iparadizo. Ico gihe nicagera, ni nk’aho Yehova azoba avuze ngo «Omega.» Yehova ahejeje kurema «ijuru n’isi n’ibirimwo vyose», yaciye atanga icemeza. Yatanze ikimenyamenya c’uko umugambi afitiye isi n’abantu worangutse ata kabuza. Worangutse bimwe bishitse ku mpera y’umusi w’indwi.—Ita. 2:1-3. w23.11 5 ing. 13-14
Ku wa kane, 16 Gitugutu
Nimutunganye inzira ya Yehova! Nimucire Imana yacu ibarabara rikuru kandi rigororotse mu bugaragwa.—Yes. 40:3.
Naho urwo rugendo rutoroshe rwo kuva i Babiloni uja muri Isirayeli rwofashe nk’amezi ane, Yehova yabasezeraniye ko ibintu vyoshoboye kubabera intambamyi vyokuwe mu nzira. Abayuda b’intahemuka bobo, babona ko naho urwo rugendo rwasaba kwitanga no kugira ivyo bahevye, gusubira muri Isirayeli vyarimwo akarusho gakomeye. Umuhezagiro nyamukuru bokwironkeye, wari uko bosubiye gusenga Yehova. Nta rusengero rwa Yehova na rumwe rwarangwa i Babiloni. Nta gicaniro cariyo Abisirayeli botangiyeko ibimazi basabwa n’Itegeko rya Musa, eka nta n’abaherezi bariyo boshikanye ivyo bimazi. Ikigeretseko, abasavyi ba Yehova bari inkehwa ubagereranije n’abapagani babamwo baterekwa Yehova canke ingingo ngenderwako ziwe. Abayuda ibihumbi n’ibihumbi rero batinya Imana, bari bashashaye gusubira mu gihugu iwabo kugira basubizeho ugusenga kw’ukuri. w23.05 14-15 ing. 3-4
Ku wa gatanu, 17 Gitugutu
Mubandanye kwigenza nk’abana b’umuco.—Ef. 5:8.
Kugira ngo tugume twigenza «nk’abana b’umuco», turakeneye gufashwa n’impwemu nyeranda y’Imana. Kubera iki? Kubera ko bitoroshe kuguma turi abantu batanduye muri iyi si yataye ubuntu. (1 Tes. 4:3-5, 7, 8) Impwemu nyeranda irashobora kudufasha kurwanya ivyiyumviro vy’iyi si, ushizemwo amafilozofiya be n’ivyiyumviro vy’abantu biteye kubiri n’ivyiyumviro vy’Imana. Impwemu nyeranda irashobora no kudufasha kwama «ubwoko bwose bw’ukumera neza n’ubugororotsi.» (Ef. 5:9) Kimwe mu vyodufasha kuronka impwemu nyeranda, ni ugusenga tuyisaba. Yezu yavuze ko Yehova «[azo]ha impwemu nyeranda abayimusaba.» (Luka 11:13) Vyongeye, igihe duhuriye hamwe n’abandi ku makoraniro kugira ngo dushemeze Yehova, na ho nyene turaronka impwemu nyeranda. (Ef. 5:19, 20) Kubaho tuyoborwa n’impwemu nyeranda y’Imana biratuma tubaho mu buryo buhimbara Yehova. w24.03 23-24 ing. 13-15