Ku wa gatanu, 17 Gitugutu
Mubandanye kwigenza nk’abana b’umuco.—Ef. 5:8.
Kugira ngo tugume twigenza «nk’abana b’umuco», turakeneye gufashwa n’impwemu nyeranda y’Imana. Kubera iki? Kubera ko bitoroshe kuguma turi abantu batanduye muri iyi si yataye ubuntu. (1 Tes. 4:3-5, 7, 8) Impwemu nyeranda irashobora kudufasha kurwanya ivyiyumviro vy’iyi si, ushizemwo amafilozofiya be n’ivyiyumviro vy’abantu biteye kubiri n’ivyiyumviro vy’Imana. Impwemu nyeranda irashobora no kudufasha kwama «ubwoko bwose bw’ukumera neza n’ubugororotsi.» (Ef. 5:9) Kimwe mu vyodufasha kuronka impwemu nyeranda, ni ugusenga tuyisaba. Yezu yavuze ko Yehova «[azo]ha impwemu nyeranda abayimusaba.» (Luka 11:13) Vyongeye, igihe duhuriye hamwe n’abandi ku makoraniro kugira ngo dushemeze Yehova, na ho nyene turaronka impwemu nyeranda. (Ef. 5:19, 20) Kubaho tuyoborwa n’impwemu nyeranda y’Imana biratuma tubaho mu buryo buhimbara Yehova. w24.03 23-24 ing. 13-15
Ku wa gatandatu, 18 Gitugutu
Mugume musaba, muzohabwa. Mugume murondera, muzoronka. Mugume mudodora, muzokwugururirwa.—Luka 11:9.
Woba ukeneye kuba umuntu yihangana? Nusenge ubisaba. Ukwihangana ni kimwe mu vyo impwemu yama. (Gal. 5:22, 23) Turashobora rero gusaba Yehova impwemu nyeranda, tukamusaba ngo adufashe gutsimbataza ivyo iyo mpwemu yama. Iyo turi mu bintu bisaba ko twihangana, “tuguma dusaba” impwemu nyeranda kugira idufashe kwihangana. (Luka 11:13) Turashobora no gusaba Yehova ngo adufashe kubona ibintu nk’uko abibona. Tumaze gusenga, dukwiye gukora uko dushoboye kwose tukihangana buri musi. Uko tuzorushiriza gusenga dusaba ukwihangana kandi tukihatira kuba abantu bihangana, ni ko iyo kamere izoshinga imizi mu mitima yacu, tugasigara turi abantu bihangana. Kuzirikana ku burorero bwo muri Bibiliya na vyo nyene birafasha. Bibiliya irimwo uburorero bwinshi bw’abantu bihanganye. Tuzirikanye ubwo burorero, twoshobora kumenya uburyo twokwerekana ko twihangana. w23.08 22 ing. 10-11
Ku wa mungu, 19 Gitugutu
Muterere insenga zanyu murobe.—Luka 5:4.
Yezu yarahumurije intumwa Petero ko Yehova yomushigikiye. Yezu amaze kuzuka, yaratumye Petero be n’izindi ntumwa baroba ayandi mafi ku gitangaro. (Yoh. 21:4-6) Nta nkeka ko ico gitangaro cakuye amazinda Petero ko Yehova yoshoboye kumuronsa ivyo akeneye ku mubiri. Birashoboka ko Petero yaciye yibuka amajambo Yezu yavuze yuko Yehova yoronkeje ivya nkenerwa abaguma «[ba]banza kurondera Ubwami.» (Mat. 6:33) Ivyo vyatumye Petero ashira imbere igikorwa co kwamamaza, aho gushira imbere igikorwa co kuroba. Ku musi wa Pentekoti yo mu 33, yarashinze intahe abigiranye umutima rugabo, arafasha abantu ibihumbi kwemera inkuru nziza. (Ivyak. 2:14, 37-41) Mu nyuma yarafashije Abasamariya n’Abanyamahanga kwemera Kristu. (Ivyak. 8:14-17; 10:44-48) Emwe, Yehova yarakoresheje Petero mu buryo budasanzwe kugira ngo azane abantu b’uburyo bwose mw’ishengero rya gikirisu! w23.09 20 ing. 1; 23 ing. 11