ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Guharura 29
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Guharura: ibirimwo

      • Amategeko ajanye n’amashikanwa atandukanye (1-40)

        • Ayatangwa ku musi wo kuvuza inzamba (1-6)

        • Ayatangwa ku musi w’impongano (7-11)

        • Ayatangwa ku musi mukuru w’insago (12-38)

Guharura 29:1

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 23:24, 25
  • +Gh 10:2; Zb 81:3

Guharura 29:2

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «akamoto karuhura.»

  • *

    Yari imyagazi y’amasuguru.

Guharura 29:6

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 28:11-13
  • +Gh 28:3, 5
  • +Gh 28:6, 7

Guharura 29:7

Utujambo tw'epfo

  • *

    «Kwibabaza» ni ijambo ririmwo ibintu vyinshi bijanye no kwiyanka harimwo no kwisonzesha.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 16:29
  • +Lw 23:27-31

Guharura 29:8

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 1:3; 22:22; Gus 15:21; 17:1

Guharura 29:11

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 16:3

Guharura 29:12

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 23:16; Lw 23:34-36; Gus 16:13-15; Neh 8:14-18

Guharura 29:13

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «akamoto karuhura.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezr 3:4
  • +Lw 22:22; Gus 17:1

Guharura 29:16

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 28:3-8

Guharura 29:17

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 22:22; Gus 17:1

Guharura 29:19

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 28:3-8

Guharura 29:20

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 22:22; Gus 17:1

Guharura 29:22

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 28:3-8

Guharura 29:23

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 22:22; Gus 17:1

Guharura 29:25

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 28:3-8

Guharura 29:26

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 15:21; 17:1

Guharura 29:28

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 28:3-8

Guharura 29:29

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 22:22; Gus 17:1

Guharura 29:31

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 28:3-8

Guharura 29:32

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 22:22; Gus 17:1

Guharura 29:34

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 28:3-8

Guharura 29:35

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 23:36, 39

Guharura 29:36

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 22:22; Gus 17:1

Guharura 29:38

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 28:3-8

Guharura 29:39

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 23:2; Gus 16:16
  • +Gus 12:5, 6
  • +Lw 7:16; 22:21
  • +Lw 1:3
  • +Lw 2:1
  • +Gh 15:5
  • +Lw 3:1

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Guh. 29:1Lw 23:24, 25
Guh. 29:1Gh 10:2; Zb 81:3
Guh. 29:6Gh 28:11-13
Guh. 29:6Gh 28:3, 5
Guh. 29:6Gh 28:6, 7
Guh. 29:7Lw 16:29
Guh. 29:7Lw 23:27-31
Guh. 29:8Lw 1:3; 22:22; Gus 15:21; 17:1
Guh. 29:11Lw 16:3
Guh. 29:12Kv 23:16; Lw 23:34-36; Gus 16:13-15; Neh 8:14-18
Guh. 29:13Ezr 3:4
Guh. 29:13Lw 22:22; Gus 17:1
Guh. 29:16Gh 28:3-8
Guh. 29:17Lw 22:22; Gus 17:1
Guh. 29:19Gh 28:3-8
Guh. 29:20Lw 22:22; Gus 17:1
Guh. 29:22Gh 28:3-8
Guh. 29:23Lw 22:22; Gus 17:1
Guh. 29:25Gh 28:3-8
Guh. 29:26Gus 15:21; 17:1
Guh. 29:28Gh 28:3-8
Guh. 29:29Lw 22:22; Gus 17:1
Guh. 29:31Gh 28:3-8
Guh. 29:32Lw 22:22; Gus 17:1
Guh. 29:34Gh 28:3-8
Guh. 29:35Lw 23:36, 39
Guh. 29:36Lw 22:22; Gus 17:1
Guh. 29:38Gh 28:3-8
Guh. 29:39Lw 23:2; Gus 16:16
Guh. 29:39Gus 12:5, 6
Guh. 29:39Lw 7:16; 22:21
Guh. 29:39Lw 1:3
Guh. 29:39Lw 2:1
Guh. 29:39Gh 15:5
Guh. 29:39Lw 3:1
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
  • 23
  • 24
  • 25
  • 26
  • 27
  • 28
  • 29
  • 30
  • 31
  • 32
  • 33
  • 34
  • 35
  • 36
  • 37
  • 38
  • 39
  • 40
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Guharura 29:1-40

Guharura

29 Ku musi wa mbere w’ukwezi kugira indwi, muzogira ikoraniro ryeranda. Ntimukwiye gukora igikorwa na kimwe kiruhisha+. Uzoba ari umusi wo kuvuza inzumbete+. 2 Iri ni ryo shikanwa riturirwa muzoshikanira Yehova kugira rimubere akamoto keza*: ishuri imwe, impfizi y’intama imwe hamwe n’imyagazi* y’intama indwi umwumwe umaze umwaka. Vyose bikwiye kuba bitagira akanenge. 3 Muzobitanga biri kumwe n’ishikanwa ry’intete rigizwe n’ifu inoze ivanze n’amavuta: ivy’icumi bitatu vy’ingero ya efa kw’ishuri, ivy’icumi bibiri vy’ingero ya efa ku mpfizi y’intama 4 n’ic’icumi c’ingero ya efa ku mwagazi umwumwe muri iyo myagazi indwi. 5 Muzotanga n’umwagazi w’impene w’isuguru w’ishikanwa ry’igicumuro kugira mutangirwe impongano. 6 Ivyo vyose bizoza vyiyongera kw’ishikanwa riturirwa rya buri kwezi be n’ishikanwa ryaryo ry’intete+ no kw’ishikanwa riturirwa ryamaho be n’ishikanwa ryaryo ry’intete+ hamwe no ku mashikanwa yavyo y’ibinyobwa+. Muzobitanga nk’uko bisabwa n’amategeko. Ni ishikanwa bashikanisha umuriro ry’akamoto kamotera neza Yehova.

7 Ku musi ugira cumi w’ukwezi kugira indwi, muzogira ikoraniro ryeranda+ kandi mutegerezwa kwibabaza*. Ntimukwiye gukora igikorwa na kimwe kiruhisha+. 8 Iri ni ryo shikanwa riturirwa muzoshikanira Yehova kugira rimubere akamoto keza: ishuri imwe, impfizi y’intama imwe hamwe n’imyagazi y’intama indwi umwumwe umaze umwaka. Vyose bikwiye kuba bitagira akanenge+. 9 Muzobitanga biri kumwe n’ishikanwa ry’intete rigizwe n’ifu inoze ivanze n’amavuta: ivy’icumi bitatu vy’ingero ya efa kw’ishuri, ivy’icumi bibiri vy’ingero ya efa ku mpfizi y’intama 10 n’ic’icumi c’ingero ya efa ku mwagazi umwumwe muri iyo myagazi indwi. 11 Muzotanga n’umwagazi w’impene w’ishikanwa ry’igicumuro. Ivyo vyose bizoza vyiyongera kw’ishikanwa ry’igicumuro ryo ku musi w’impongano+ no kw’ishikanwa riturirwa ryamaho be n’ishikanwa ryaryo ry’intete hamwe no ku mashikanwa yavyo y’ibinyobwa.

12 Ku musi ugira 15 w’ukwezi kugira indwi, muzogira ikoraniro ryeranda. Ntimukwiye gukora igikorwa na kimwe kiruhisha. Muzomara imisi indwi muhimbaza umusi mukuru wa Yehova+. 13 Iri ni ryo shikanwa riturirwa+ muzoshikanira Yehova kugira rimubere akamoto keza*: ishuri 13 zikiri nto, impfizi z’intama 2 hamwe n’imyagazi y’intama 14 umwumwe wose umaze umwaka. Vyose bikwiye kuba bitagira akanenge+. 14 Muzobitangana n’ishikanwa ry’intete rigizwe n’ifu inoze ivanze n’amavuta: ivy’icumi bitatu vy’ingero ya efa kw’ishuri imwimwe muri izo 13, ivy’icumi bibiri vy’ingero ya efa ku mpfizi y’intama imwimwe muri izo zibiri 15 n’ic’icumi c’ingero ya efa ku mwagazi umwumwe muri iyo myagazi 14. 16 Muzotanga n’umwagazi w’impene w’ishikanwa ry’igicumuro. Ivyo vyose bizoza vyiyongera kw’ishikanwa riturirwa ryamaho be n’ishikanwa ryaryo ry’intete hamwe no kw’ishikanwa ryaryo ry’ikinyobwa+.

17 Ku musi ugira kabiri na ho, muzoshikana ishuri zikiri nto 12, impfizi z’intama 2 n’imyagazi y’intama 14 umwumwe wose umaze umwaka. Vyose bikwiye kuba bitagira akanenge+. 18 Muzobitangana n’ishikanwa ryavyo ry’intete hamwe n’amashikanwa y’ibinyobwa y’izo shuri, izo mpfizi z’intama n’iyo myagazi y’intama. Muzobitanga mwisunze igitigiri cavyo nk’uko bisabwa n’amategeko. 19 Muzotanga n’umwagazi w’impene w’ishikanwa ry’igicumuro. Ivyo vyose bizoza vyiyongera kw’ishikanwa riturirwa ryamaho be n’ishikanwa ryaryo ry’intete hamwe no ku mashikanwa yavyo y’ibinyobwa+.

20 Ku musi ugira gatatu, muzoshikana ishuri 11, impfizi z’intama 2 n’imyagazi y’intama 14 umwumwe wose umaze umwaka. Vyose bikwiye kuba bitagira akanenge+. 21 Muzobitangana n’ishikanwa ryavyo ry’intete hamwe n’amashikanwa y’ibinyobwa y’izo shuri, izo mpfizi z’intama n’iyo myagazi y’intama. Muzobitanga mwisunze igitigiri cavyo nk’uko bisabwa n’amategeko. 22 Muzotanga n’umwagazi w’impene w’ishikanwa ry’igicumuro. Ivyo vyose bizoza vyiyongera kw’ishikanwa riturirwa ryamaho be n’ishikanwa ryaryo ry’intete hamwe no kw’ishikanwa ryaryo ry’ikinyobwa+.

23 Ku musi ugira kane, muzoshikana ishuri 10, impfizi z’intama 2 n’imyagazi y’intama 14 umwumwe wose umaze umwaka. Vyose bikwiye kuba bitagira akanenge+. 24 Muzobitangana n’ishikanwa ryavyo ry’intete hamwe n’amashikanwa y’ibinyobwa y’izo shuri, izo mpfizi z’intama n’iyo myagazi y’intama. Muzobitanga mwisunze igitigiri cavyo nk’uko bisabwa n’amategeko. 25 Muzotanga n’umwagazi w’impene w’ishikanwa ry’igicumuro. Ivyo vyose bizoza vyiyongera kw’ishikanwa riturirwa ryamaho be n’ishikanwa ryaryo ry’intete hamwe no kw’ishikanwa ryaryo ry’ikinyobwa+.

26 Ku musi ugira gatanu, muzoshikana ishuri 9, impfizi z’intama 2 n’imyagazi y’intama 14 umwumwe wose umaze umwaka. Vyose bikwiye kuba bitagira akanenge+. 27 Muzobitangana n’ishikanwa ryavyo ry’intete hamwe n’amashikanwa y’ibinyobwa y’izo shuri, izo mpfizi z’intama n’iyo myagazi y’intama. Muzobitanga mwisunze igitigiri cavyo nk’uko bisabwa n’amategeko. 28 Muzotanga n’umwagazi w’impene w’ishikanwa ry’igicumuro. Ivyo vyose bizoza vyiyongera kw’ishikanwa riturirwa ryamaho be n’ishikanwa ryaryo ry’intete hamwe no kw’ishikanwa ryaryo ry’ikinyobwa+.

29 Ku musi ugira gatandatu, muzoshikana ishuri 8, impfizi z’intama 2 n’imyagazi y’intama 14 umwumwe wose umaze umwaka. Vyose bikwiye kuba bitagira akanenge+. 30 Muzobitangana n’ishikanwa ryavyo ry’intete hamwe n’amashikanwa y’ibinyobwa y’izo shuri, izo mpfizi z’intama n’iyo myagazi y’intama. Muzobitanga mwisunze igitigiri cavyo nk’uko bisabwa n’amategeko. 31 Muzotanga n’umwagazi w’impene w’ishikanwa ry’igicumuro. Ivyo vyose bizoza vyiyongera kw’ishikanwa riturirwa ryamaho be n’ishikanwa ryaryo ry’intete hamwe no ku mashikanwa yavyo y’ibinyobwa+.

32 Ku musi ugira indwi, muzoshikana ishuri 7, impfizi z’intama 2 n’imyagazi y’intama 14 umwumwe wose umaze umwaka. Vyose bikwiye kuba bitagira akanenge+. 33 Muzobitangana n’ishikanwa ryavyo ry’intete hamwe n’amashikanwa y’ibinyobwa y’izo shuri, izo mpfizi z’intama n’iyo myagazi y’intama. Muzobitanga mwisunze igitigiri cavyo nk’uko bisabwa n’amategeko. 34 Muzotanga n’umwagazi w’impene w’ishikanwa ry’igicumuro. Ivyo vyose bizoza vyiyongera kw’ishikanwa riturirwa ryamaho be n’ishikanwa ryaryo ry’intete hamwe no kw’ishikanwa ryaryo ry’ikinyobwa+.

35 Ku musi ugira umunani, muzogira ikoraniro ridasanzwe. Ntimukwiye gukora igikorwa na kimwe kiruhisha+. 36 Iri ni ryo shikanwa riturirwa muzoshikanira Yehova kugira rimubere akamoto keza: ishuri imwe, impfizi y’intama imwe hamwe n’imyagazi y’intama indwi umwumwe wose umaze umwaka. Vyose bikwiye kuba bitagira akanenge+. 37 Muzobitangana n’ishikanwa ryavyo ry’intete hamwe n’amashikanwa y’ibinyobwa y’iyo shuri, iyo mpfizi y’intama n’iyo myagazi y’intama. Muzobitanga mwisunze igitigiri cavyo nk’uko bisabwa n’amategeko. 38 Muzotanga n’umwagazi w’impene w’ishikanwa ry’igicumuro. Ivyo vyose bizoza vyiyongera kw’ishikanwa riturirwa ryamaho be n’ishikanwa ryaryo ry’intete hamwe no kw’ishikanwa ryaryo ry’ikinyobwa+.

39 Ivyo muzobishikanira Yehova ku misi mikuru yanyu+. Bizoza vyiyongera ku mashikanwa yanyu yo gushitsa indagano+ no ku mashikanwa mutanga muvyishakiye+, yaba ari ayaturirwa+, ay’intete+, ay’ibinyobwa+ canke ibimazi vyo gusangira+.”» 40 Musa araheza abwira Abisirayeli ibintu vyose Yehova yari yamutegetse.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika