Guharura
32 Abakomoka kuri Rubeni+ n’abakomoka kuri Gadi+ bari bafise ibitungwa vyinshi cane. Nuko babona ko akarere ka Yazeri+ n’aka Gileyadi hari ahantu habereye ibitungwa. 2 Baca begera Musa na Eleyazari umuherezi hamwe n’abakuru b’ishengero, bababwira bati: 3 «Akarere ka Ataroti, Diboni, Yazeri, Nimura, Heshiboni+, Eleyale, Sebamu, Nebo+ na Beyoni+, 4 akarere Yehova yatsindiye imbere y’ishengero ry’Abisirayeli+, ni ahantu habereye ibitungwa kandi twebwe abasavyi bawe dufise ibitungwa vyinshi+.» 5 Bongerako bati: «Nimba ubishimye, nuduhe aka karere kabe rwacu. Ntutujabukane uruzi Yorodani.»
6 Musa yishura abakomoka kuri Gadi n’abakomoka kuri Rubeni ati: «None benewanyu bazoja mu ntambara namwe mwibereye ng’aha? 7 Kuki mushaka guca intege Abisirayeli ngo ntibajabuke binjire mu gihugu Yehova agira abahe? 8 Ivyo ni vyo ba sokuru banyu bakoze igihe nabarungika kuraba ico gihugu bavuye i Kadeshi-Baruneya+. 9 Igihe baduga bagashika mu mwonga* wa Eshikoli+ maze bakabona ico gihugu, baraciye intege Abisirayeli ngo ntibinjire mu gihugu Yehova yagira abahe+. 10 Kuri uwo musi Yehova yaciye arungura n’ishavu ku buryo arahira ati+: 11 “Abagabo bavuye mu Misiri, kuva ku myaka 20 kuduga, ntibazobona igihugu+ narahiye ko nzoha Aburahamu, Izahaki na Yakobo+, kuko batankurikiye n’umutima wabo wose. 12 Kalebu+ mwene Yefune Umukenizi na Yosuwa+ mwene Nuni, ni bo bonyene bazobona ico gihugu, kuko bakurikiye Yehova n’umutima wabo wose+.” 13 Yehova rero yaciye ashavurira cane Abisirayeli, atuma bamara imyaka 40 bayerera mu bugaragwa+, gushika urwo runganwe* rwose rukora ikibi mu maso ya Yehova ruhonye+. 14 None ehe raba mugiye mu kibanza ca ba sokuru banyu, mwa ruvyaro rw’abacumuzi mwe! Nta kindi murondera atari ukwongerereza ishavu Yehova afitiye Abisirayeli. 15 Nimwareka kumukurikira, na we azoca ata Abisirayeli muri ubu bugaragwa, kandi aba bantu bose muzoba mubakwegeye akarambaraye.»
16 Mu nyuma begera Musa, bamubwira bati: «Tureke twubakire ibitungwa vyacu impongore* z’amabuye hamwe n’ibisagara vy’abana bacu. 17 Ariko tuzoguma twiteguriye urugamba+, kandi tuzogendera imbere y’Abisirayeli gushika tubashikanye mu karere kabo. Abana bacu bazoguma mu bisagara bikingijwe impome kugira ababa muri iki gihugu ntibabagirire nabi. 18 Ntituzosubira mu mihana iwacu Abisirayeli bose bataronse intoranwa yabo+. 19 Ntituzotorana hamwe na bo hakurya ya Yorodani, kuko tuzoba twamaze kuronka intoranwa hakuno, ku ruhande rwo mu buseruko bwa Yorodani+.»
20 Musa abishura ati: «Nimwatora ibirwanisho mukaja ku rugamba imbere ya Yehova+, 21 umwe wese agafata ibirwanisho akajabuka uruzi Yorodani igihe Yehova azoba ariko yirukana abansi biwe+, 22 gushika mwigaruriye ico gihugu imbere ya Yehova+, muzoheza mugaruke+ kandi nta caha kizobagira imbere ya Yehova n’Abisirayeli. Iki gihugu rero kizoca kiba rwanyu imbere ya Yehova+. 23 Ariko nimutabigenza gutyo, muzoba mucumuye kuri Yehova kandi mumenye neza ko igicumuro canyu kizobakurikirana. 24 Murashobora rero kwubaka ibisagara vy’abana banyu n’impongore z’ibitungwa vyanyu+, ariko mutegerezwa gushitsa ivyo mwasezeranye.»
25 Abakomoka kuri Gadi n’abakomoka kuri Rubeni baca babwira Musa bati: «Databuja, twebwe abasavyi bawe tuzokora nk’uko udutegetse. 26 Abana bacu, abagore bacu n’ibitungwa vyacu vyose bizosigara ng’aha mu bisagara vy’i Gileyadi+. 27 Ariko twebwe abasavyi bawe tuzojabuka, umugabo wese yiteguriye urugamba imbere ya Yehova+, nk’uko databuja abivuze.»
28 Musa aca atanga itegeko ku biberekeye, ariha Eleyazari umuherezi na Yosuwa mwene Nuni hamwe n’abakuru b’imigwi mikurumikuru igize imiryango ya Isirayeli, 29 ababwira ati: «Abakomoka kuri Gadi n’abakomoka kuri Rubeni nibajabukana namwe uruzi Yorodani, umugabo wese afise ibirwanisho yiteguriye urugamba imbere ya Yehova, hanyuma mukigarurira igihugu, muzoca mubaha igihugu ca Gileyadi kibe rwabo+. 30 Ariko nibatafata ibirwanisho ngo mujabukane, bazoca babana namwe mu gihugu ca Kanani.»
31 Abakomoka kuri Gadi n’abakomoka kuri Rubeni baca bishura bati: «Ivyo Yehova avuze tuzobikora. 32 Tuzofata ibirwanisho tujabuke, twinjire mu gihugu ca Kanani imbere ya Yehova+, ariko intoranwa yacu izoba hakuno ya Yorodani.» 33 Musa araheza afata ubwami bwa Sihoni+ umwami w’Abamori n’ubwami bwa Ogi+ umwami wa Bashani, ni ukuvuga ako karere kose n’ibisagara be n’ibigwati biri muri ko, abiha abakomoka kuri Gadi, abakomoka kuri Rubeni+ n’igice c’umuryango wa Manase+ umuhungu wa Yozefu.
34 Abakomoka kuri Gadi baca bubaka* Diboni+, Ataroti+, Aroweri+, 35 Ataroti-Shofani, Yazeri+, Yogibeha+, 36 Beti-Nimura+ na Beti-Harani+, ibisagara bikingijwe impome, bubaka n’impongore z’amabuye z’ibitungwa vyabo. 37 Abakomoka kuri Rubeni na bo bubaka Heshiboni+, Eleyale+, Kiriyatayimu+, 38 Nebo+ na Bayali-Meyoni+, baraheza babiha ayandi mazina. Bubaka na Sibuma, baca batangura guha amazina mashasha ivyo bisagara bubatse.
39 Abakomoka kuri Makiri+ umuhungu wa Manase baca batera i Gileyadi barahafata, birukana Abamori babayo. 40 Aho i Gileyadi Musa aca ahaha Makiri umuhungu wa Manase, na we aca atangura kuhaba+. 41 Yayiri umuhungu wa Manase na we aja gutera ibigwati vyabo vy’amahema arabifata, aca avyita Havoti-Yayiri*+. 42 Noba na we aja gutera i Kenati n’udusagara tuhegukira* maze arahafata, aca ahitirira izina ryiwe Noba.