Guharura
34 Yehova yongera kubwira Musa ati: 2 «Tegeka Abisirayeli uti: “Nimwinjira mu gihugu ca Kanani+, muzotorana ico gihugu mwisunze izi mbibe+:
3 Urubibe rwanyu rwo mu bumanuko ruzohera mu bugaragwa bwa Zini, rugende rubangikanye n’igihugu ca Edomu. Mu buseruko na ho ruzotangurira ku mpera y’ikiyaga c’Umunyu+. 4 Ruzoca rukata ruce mu bumanuko bw’umudugo wa Akurabimu+, rubandanye i Zini. Ruzomanuka rushike mu bumanuko bw’i Kadeshi-Baruneya+ hanyuma ruduge i Hazari-Adari+, rubandanye n’i Azimoni. 5 Ruvuye i Azimoni ruzoca rukata ruce mu mwonga* wa Misiri, ruheze rugarukire kuri ca kiyaga*+.
6 Urubibe rwanyu rwo mu burengero ni ikiyaga Kinini* be n’inkengera zaco. Urwo ni rwo ruzoba urubibe rwanyu rwo mu burengero+.
7 Uru ni rwo ruzoba urubibe rwanyu rwo mu buraruko: ruzohera ku kiyaga Kinini rugende gushika ku musozi Hori. 8 Ruzoca ruva ku musozi Hori ruce i Lebo-Hamati*+, rubandanye gushika i Zedadi+. 9 Hanyuma ruzoca rumanuka i Zifuroni, rugarukire i Hazari-Enani+. Urwo ni rwo ruzoba urubibe rwanyu rwo mu buraruko.
10 Urubibe rwanyu rwo mu buseruko ruzova i Hazari-Enani rushike i Shefamu. 11 Ruzoca ruva i Shefamu ruje i Ribula mu buseruko bwa Ayini, hanyuma rumanuke rurengane umusozi uri mu buseruko bw’ikiyaga ca Kinereti*+. 12 Ruzobandanya gushika ku ruzi Yorodani, ruheze rugarukire ku kiyaga c’Umunyu+. Ico ni co kizoba igihugu canyu+ n’imbibe zaco.”»
13 Musa aca ategeka Abisirayeli ati: «Ico ni co gihugu muzogabura biciye ku bupfindo+. Yehova yategetse ko gihabwa imiryango icenda n’igice, 14 kuko umuryango w’Abarubeni, uw’Abagadi n’igice c’umuryango wa Manase yamaze kuronka intoranwa yayo+, hisunzwe imigwi mikurumikuru igize imiryango yabo. 15 Iyo miryango ibiri n’igice yaramaze kuronka intoranwa yayo mu karere ko hakurya y’uruzi Yorodani hafi y’i Yeriko, amaja mu buseruko+.»
16 Yehova yongera kubwira Musa ati: 17 «Aya ni yo mazina y’abagabo bazobagaburira ico gihugu: Eleyazari+ umuherezi na Yosuwa+ mwene Nuni. 18 Muzotora umukuru umwumwe ku muryango kugira babafashe kugabura ico gihugu+. 19 Aya ni yo mazina y’abo bakuru: mu muryango wa Yuda+, ni Kalebu+ mwene Yefune. 20 Mu muryango wa Simeyoni+, ni Shemuweli umuhungu wa Amihudi. 21 Mu muryango wa Benyamini+, ni Elidadi umuhungu wa Kisiloni. 22 Mu muryango wa Dani+, ni Buki umuhungu wa Yogili. 23 Mu bahungu ba Yozefu+, ku ruhande rw’umuryango wa Manase+, ni Haniyeli umuhungu wa Efodi, 24 ku ruhande rw’umuryango wa Efurayimu+ na ho, ni Kemuweli umuhungu wa Shifutani. 25 Mu muryango wa Zabuloni+, ni Elizafani umuhungu wa Parunaki. 26 Mu muryango wa Isakari+, ni Palitiyeli umuhungu wa Azani. 27 Mu muryango wa Asheri+, ni Ahihudi umuhungu wa Shelomi. 28 Mu muryango wa Nafutali+ na ho, ni Pedaheli umuhungu wa Amihudi.» 29 Abo ni bo Yehova yategetse ngo bagaburire Abisirayeli igihugu ca Kanani+.