ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Guharura 17
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Guharura: ibirimwo

      • Inkoni ya Aroni inaga (1-13)

Guharura 17:2

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 1:4, 16

Guharura 17:4

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «imbere y’icabona.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 34:29
  • +Kv 25:22; 30:36; Lw 16:2

Guharura 17:5

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 16:5
  • +Gh 11:1; 14:27; 16:11; 1Kr 10:6, 10
  • +Gh 14:2; 16:13, 41

Guharura 17:7

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «mw’ihema ryeranda ry’icabona.»

Guharura 17:10

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «imbere y’icabona.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Heb 9:4
  • +Gh 16:38
  • +Gus 9:7; 31:27

Guharura 17:13

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 1:51; 18:4, 7
  • +Gh 16:49

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Guh. 17:2Gh 1:4, 16
Guh. 17:4Kv 34:29
Guh. 17:4Kv 25:22; 30:36; Lw 16:2
Guh. 17:5Gh 16:5
Guh. 17:5Gh 11:1; 14:27; 16:11; 1Kr 10:6, 10
Guh. 17:5Gh 14:2; 16:13, 41
Guh. 17:10Heb 9:4
Guh. 17:10Gh 16:38
Guh. 17:10Gus 9:7; 31:27
Guh. 17:13Gh 1:51; 18:4, 7
Guh. 17:13Gh 16:49
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Guharura 17:1-13

Guharura

17 Maze Yehova abwira Musa ati: 2 «Bwira Abisirayeli bakuzanire inkoni imwimwe ku muryango, bazihawe n’abakuru b’imigwi mikurumikuru igize imiryango yabo+. Zose hamwe zizoba ari inkoni 12. Uzoca wandika izina ry’umwumwe wese ku nkoni yiwe. 3 Uzokwandika izina rya Aroni ku nkoni ya Lewi, kuko ari inkoni imwimwe ku mukuru w’umuryango. 4 Uzoca ushira izo nkoni mw’ihema ry’ibonaniro imbere y’isandugu y’isezerano*+, hamwe nama ndabiyerekera+. 5 Inkoni y’uwo nzotora+ izonaga. Ukwo ni ko nzorangiza imyidogo Abisirayeli banyidogera+, bakidogera na mwebwe+.»

6 Musa aca abibwira Abisirayeli hanyuma abakuru bose bamuzanira inkoni zabo. Umukuru wese w’umuryango amuha inkoni imwe, zose ziba 12 ushizemwo n’iya Aroni. 7 Musa araheza ashira izo nkoni imbere ya Yehova mw’ihema ririmwo isandugu y’isezerano*.

8 Bukeye, Musa yinjira muri rya hema ririmwo isandugu y’isezerano, asanga inkoni ya Aroni yatanzwe n’umuryango wa Lewi yanaze. Yari yanaze, iriko amashurwe na shakedi zihiye. 9 Musa aca akura izo nkoni zose imbere ya Yehova azizana aho Abisirayeli bose bari. Baraziraba hanyuma umukuru wese atora inkoni yiwe.

10 Yehova aca abwira Musa ati: «Subiza inkoni ya Aroni+ imbere y’isandugu y’isezerano*. Yibike kugira ibere imburi+ abafise agatima ko kugarariza+, kugira ntibasubire kunyidogera bigatuma bapfa.» 11 Ubwo nyene Musa aca akora ivyo Yehova amutegetse. Abikora gutyo nyene.

12 Abisirayeli baca babwira Musa bati: «Noneho turapfuye! Emwe, turahonye! Tugira duherengetere twese! 13 Uwuhirahiye akegera ihema ryeranda rya Yehova aca apfa+! None twese tugiye gupfa duhone+?»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika