Guharura
18 Maze Yehova abwira Aroni ati: «Wewe n’abahungu bawe hamwe n’umugwi ugizwe n’imiryango yanyu ni mwe muzobazwa ikosa ryose rikorewe ahantu heranda+. Wewe n’abahungu bawe ni mwe muzobazwa ikosa ryose rijanye n’igikorwa c’ubuherezi+. 2 Vyongeye, nuzane hafi benewanyu bo mu muryango wa Lewi, umuryango wa ba sokuru bawe, kugira babafashe ibikorwa+ mwe n’abahungu bawe, imbere y’ihema ririmwo isandugu y’isezerano*+. 3 Bazokora ibikorwa ubajeje hamwe n’ibikorwa vyose vyo kw’ihema+, ariko ntibakwiye kwegera ibikoresho vy’ahantu heranda n’igicaniro kugira ntibapfe canke ngo namwe mupfe+. 4 Bazokwifatanya namwe, bakore ibikorwa vyose bajejwe kw’ihema ry’ibonaniro. Umuntu wese atabifitiye uburenganzira* ntakwiye kubegera+. 5 Mutegerezwa gushitsa ivyo mujejwe ku bijanye n’ahantu heranda+ be n’igicaniro+ kugira sinsubire gushavurira+ Abisirayeli. 6 Narakugabiye benewanyu b’Abalewi ndabakuye mu bandi Bisirayeli+. Bahawe Yehova kugira bakore ibikorwa vyo kw’ihema ry’ibonaniro+. 7 Wewe n’abahungu bawe ni mwe mujejwe ibikorwa vy’abaherezi bijanye n’igicaniro hamwe n’ibiri inyuma y’irido*+. Ni mwe muzobikora+. Narabahaye igikorwa c’ubuherezi, kandi umuntu wese atabifitiye uburenganzira azokwegera ihema ryeranda ategerezwa gupfa+.»
8 Yehova yongera kubwira Aroni ati: «Ndakujeje intererano mpabwa+. Wewe n’abahungu bawe narabahaye umugabane wamaho uvuye ku bintu vyeranda vyose Abisirayeli batanga+. 9 Ku mashikanwa meranda cane bashikanisha umuriro, ibi ni vyo bizoba rwanyu: amashikanwa yose banzanira, ni ukuvuga amashikanwa y’intete+, amashikanwa y’igicumuro+ n’ayo kwagirwa n’icaha+. Ni ikintu ceranda cane kuri wewe n’abahungu bawe. 10 Mukwiye kubirira ahantu heranda cane+. Umuhungu wese arashobora kubirya. Bizoba ari ikintu ceranda kuri mwebwe+. 11 N’ibi nyene ni rwanyu: ingabire Abisirayeli batanga+ be n’amashikanwa yose bazungagiza+. Ni umugabane wamaho nahaye wewe n’abahungu bawe hamwe n’abakobwa bawe+. Umuntu wese adahumanye mu rugo rwawe arashobora kubiryako+.
12 Amavuta mezameza yose, umuvinyu mushasha mwizamwiza n’intete nzizanziza, ni ukuvuga ivyeze ubwa mbere*+ bashikanira Yehova, ndabibahaye+. 13 Ibintu vyose vyeze ubwa mbere mu gihugu cabo bazozanira Yehova bizoba rwanyu+. Umuntu wese adahumanye mu rugo rwawe arashobora kubiryako.
14 Ikintu cose ceguriwe Imana* muri Isirayeli kizoba rwanyu+.
15 Imfura zose n’ibitungwa vyose bivutse ubwa mbere+ bazoshikanira Yehova bizoba rwanyu. Ariko rero, utegerezwa kwakira amahera yo gucungura imfura zose+ n’ibitungwa vyose bihumanye vyavutse ubwa mbere+. 16 Igihe imfura ishikanye ukwezi kumwe canke kurenga, uzokwakira amahera yo kuyicungura angana n’igiciro cashinzwe ca shekeli* zitanu z’ifeza+, wisunze shekeli y’akarorero y’aheranda*. Shekeli imwe ingana na gera* 20. 17 Ariko ishuri hamwe n’isuguru y’intama canke y’impene bivutse ubwa mbere ntibizocungurwa+. Ni vyeranda. Amaraso yavyo uzoyamijagira ku gicaniro+, ibinure vyavyo na vyo ubiturire bifumbe umwotsi, bibe ishikanwa bashikanisha umuriro ry’akamoto kamotera neza* Yehova+. 18 Inyama zavyo zizoba rwanyu nka kurya kw’akameme* k’ishikanwa bazungagiza hamwe n’itako ry’ukuryo+. 19 Intererano nyeranda zose Abisirayeli bazanira Yehova+ nazihaye wewe n’abahungu bawe hamwe n’abakobwa bawe. Ni umugabane wanyu wamaho+. Ni isezerano ryamaho* hagati ya Yehova na wewe be n’uruvyaro rwawe.»
20 Yehova abandanya kubwira Aroni ati: «Ntuzotorana mu gihugu cabo kandi nta mugabane uzoronka muri bo+. Ni jewe ndi umugabane wawe n’intoranwa yawe mu Bisirayeli+.
21 Abalewi na bo ndabahaye ic’icumi+ c’ivyimburwa vyose muri Isirayeli. Ni umugabane* wabo ku bw’ibikorwa bakora kw’ihema ry’ibonaniro. 22 Abisirayeli ntibaze basubire kwegera ihema ry’ibonaniro, kuko bohava bacumura bigatuma bapfa. 23 Abalewi ni bo bazokora ibikorwa vyo kw’ihema ry’ibonaniro, kandi ni bo bazobazwa amakosa abantu bazokora+. Ntibazotorana mu Bisirayeli: iryo ni itegeko ryamaho uko urunganwe* rwanyu ruzogenda rurakurikirana+. 24 Ic’icumi Abisirayeli bashikanira Yehova ni yo ntoranwa nahaye Abalewi. Ni co gituma navuze nti: “Ntibakwiye gutorana mu Bisirayeli+.”»
25 Maze Yehova abwira Musa ati: 26 «Bwira Abalewi uti: “Abisirayeli bazobaha ic’icumi nabatse kugira kibe umugabane wanyu+. Namwe muzoca muha Yehova intererano ingana n’ic’icumi caco+. 27 Kizofatwa nk’intererano mutanze, nk’aho zoba ari intete mukuye ku mbuga*+ canke umuvinyu n’amavuta mwaganiye mu bwato, mubikuye mu mwimbu wanyu w’umusesekara. 28 Ukwo ni ko namwe muzoha intererano Yehova, muyikuye mu vy’icumi vyose Abisirayeli babaha. Aroni umuherezi ni we muzoshikiriza intererano ya Yehova mukuye kuri ivyo vy’icumi. 29 Ivyo bintu vyizavyiza vyose muzoba mwahawe+ nk’intererano nyeranda muzobikurako intererano muha Yehova.”
30 Uze ubabwire uti: “Nimwamara guterera ibintu vyizavyiza mu vyo mwahawe, ibisigaye bizoca bibegukira mwebwe Abalewi, bifatwe nk’umwimbu uvuye ku mbuga yanyu canke umuvinyu n’amavuta mwaganiye mu bwato. 31 Wewe n’abo mu rugo rwawe murashobora kubirira aho ari ho hose, kuko ari impembo yanyu ku bw’ibikorwa murangura kw’ihema ry’ibonaniro+. 32 Muze mutange ibintu vyizavyiza mu vyo muzoba mwahawe kugira ntimwagirwe n’icaha. Ntimukwiye guhumanya ibintu vyeranda vy’Abisirayeli, ahandiho mwopfa+.”»