Guharura
22 Hanyuma Abisirayeli baragenda maze bakambika mu biyaya vy’ubugaragwa vy’i Mowabu, hakurya y’uruzi Yorodani uvuye i Yeriko+. 2 Balaki+ umuhungu wa Zipori yumvise ibintu vyose Abisirayeli bakoreye Abamori, 3 Abanyamowabu baca baratinya cane Abisirayeli kuko bari benshi cane. Emwe, baratekerwa n’ubwoba kubera bo+. 4 Abanyamowabu baca babwira abashingantahe b’i Midiyani+ bati: «Iri sinzi rizorigata igihugu cacu nka kurya impfizi y’inka irigata ubwatsi.»
Ico gihe Balaki umuhungu wa Zipori yari umwami wa Mowabu. 5 Balaki aca arungika intumwa kuri Balamu umuhungu wa Beyori i Petori+, hafi ya rwa ruzi runini* rwo mu gihugu ciwe c’amavukiro. Abatuma kumubwira bati: «Hari abantu baje bavuye mu Misiri. Bakubise isi* yose irazima+ kandi bakambitse neza na neza imbere yanje. 6 Ndagusavye rero uze ubamvumire+ kuko bakomeye kunsumvya. Hari aho nobanesha nkabirukana mu gihugu. Ndazi neza ko uwo uhezagiye aba ahezagiwe, kandi n’uwo uvumye aba avumwe.»
7 Abashingantahe b’i Mowabu n’ab’i Midiyani baca bafata urugendo, baja kwa Balamu+ bitwaje impembo* yiwe, baraheza bamubwira ivyo Balaki yabatumye. 8 Na we abishura ati: «Nimurare ng’aha iri joro, nanje nzobabwira ico Yehova azoba yambwiye cose.» Abo baganwa b’i Mowabu baca barara kwa Balamu.
9 Imana iraheza ibonekera Balamu, imubaza iti+: «Abo bagabo bari aho iwawe ni bande?» 10 Balamu yishura Imana y’ukuri ati: «Balaki umuhungu wa Zipori, umwami wa Mowabu, yantumyeko ati: 11 “Hari abantu baje bava mu Misiri kandi bakubise isi yose irazima. Ingo rero ubamvumire+. Hari aho noshobora kubarwanya nkabirukana.”» 12 Ariko Imana ibwira Balamu iti: «Ntujane na bo, kandi ntuvume abo bantu kuko nabahezagiye+.»
13 Balamu aca avyuka mu gitondo, abwira ba baganwa batumwa na Balaki ati: «Subira mu gihugu iwanyu, kuko Yehova yanyankiye ko tujana.» 14 Abo baganwa b’i Mowabu baca basubira kwa Balaki, bamubwira bati: «Balamu yanse ko tuzanana.»
15 Ariko Balaki aca arungika abandi baganwa benshi kandi barusha icubahiro bamwe ba mbere. 16 Baza kwa Balamu maze bamubwira bati: «Balaki umuhungu wa Zipori adutumye ati: “Ndagusavye ntihagire ikikubuza kuza. 17 Nzogutera iteka bimwe bikomeye, kandi ico uzombwira cose nzogikora. Ntabara uze umvumire aba bantu.”» 18 Balamu yishura abo basuku ba Balaki ati: «Naho Balaki yompa inzu yiwe yuzuye ifeza n’inzahabu, sinshobora gukora ikintu na kimwe gitandukanye n’itegeko rya Yehova Imana yanje, caba gitoyi canke kinini+. 19 Mugabo nimurare ng’aha iri joro, numve ko hari ikindi Yehova ambwira+.»
20 Maze Imana ibonekera Balamu mw’ijoro, imubwira iti: «Nimba aba bantu bazanywe no kuguhamagara, nimujane. Ariko uzovuge ivyo nzokubwira gusa+.» 21 Balamu aca avyuka kare mu gatondo, ategura indogobwa* yiwe, araheza ajana n’abo baganwa b’i Mowabu+.
22 Imana ica irarungura n’ishavu kubera agiye. Umumarayika wa Yehova aca ahagarara mu nzira kugira amutangire. Balamu yariko agendera ku ndogobwa, kandi yari kumwe n’abasuku biwe babiri. 23 Iyo ndogobwa ibonye umumarayika wa Yehova ahagaze mu nzira afise inkota mu minwe, ica ishaka kuva mu nzira ngo ikatire mu murima. Balamu aca atangura kuyikubita kugira igaruke mu nzira. 24 Hanyuma uwo mumarayika wa Yehova aragenda, ahagarara mu kayira gakikujwe n’impome z’amabuye gaca hagati y’imirima ibiri y’imizabibu. 25 Iyo ndogobwa ibonye uwo mumarayika wa Yehova, ica yibanda ku ruhome maze ifyondera ukuguru kwa Balamu kuri rwo. Balamu aca asubira kuyikubita.
26 Umumarayika wa Yehova aca asubira kubarengana, ahagarara ahantu haga mu kayira, ku buryo bitokunda ko umuntu akatira iburyo canke ibubamfu. 27 Iyo ndogobwa ibonye uwo mumarayika wa Yehova, ica iryama hasi Balamu ayicayeko. Balamu aca arashavura, aguma ayikubitagura inkoni yiwe. 28 Vyakabaye kera, Yehova atuma iyo ndogobwa ivuga*+ maze ibaza Balamu iti: «Nagukoreye iki ku buryo unkubita izi ncuro zitatu zose+?» 29 Balamu ayishura ati: «Ni kubera uriko umfata nk’ikijuju. Iyaba mfise inkota nari kukwica!» 30 Iyo ndogobwa ica ibwira Balamu iti: «Mbega sindi indogobwa yawe wamye ugenderako gushika uno musi? Hari ibintu nk’ibi nari bwakugirire?» Na we ayishura ati: «Oya!» 31 Yehova aca yugurura amaso ya Balamu+, abona uwo mumarayika wa Yehova ahagaze mu nzira, yasokoye inkota ayifise mu minwe. Ubwo nyene Balamu aca arunama, mu maso hashika hasi.
32 Umumarayika wa Yehova aca amubwira ati: «Kubera iki wakubise indogobwa yawe izo ncuro zitatu zose? Jewe ubwanje ni je naje kugutangira, kuko ugiye gukora ibihushanye n’ivyo ngomba*+. 33 Iyo ndogobwa yambonye ica igerageza kumpunga izo ncuro zitatu zose+. Iyo itaba yampunze, mba nakwishe ariko yo nkayireka.» 34 Balamu aca yishura uwo mumarayika wa Yehova ati: «Nacumuye. Sinari nzi ko ari wewe uhagaze mw’ibarabara kugira untangire. Nimba ubona ari bibi, reka nsubire inyuma.» 35 Ariko umumarayika wa Yehova amwishura ati: «Jana n’abo bagabo ariko uzovuge ivyo nzokubwira gusa.» Nuko Balamu abandanya urugendo ari kumwe n’abo baganwa batumwe na Balaki.
36 Balaki yumvise ko Balamu yaje, aca aja kumusanganira mu gisagara ca Mowabu. Ico gisagara cari ku nkengera ya Arunoni, ku rubibe rw’akarere ka Mowabu. 37 Balaki abaza Balamu ati: «Kubera iki nagutumyeko ntuze? Wibaza ko ntashoboye kugutera iteka bihagije+?» 38 Balamu amwishura ati: «Ari ukuza naje. Ariko ntugire ngo nzovuga ivyo nigombeye. Nzovuga ivyo Imana imbwiye gusa+.»
39 Balamu rero aca ajana na Balaki, bashika i Kiriyati-Huzoti. 40 Balaki araheza ashikana inka n’intama, aca afata bimwebimwe abirungikira Balamu n’abaganwa bari kumwe na we. 41 Bukeye mu gitondo, Balaki ahitana Balamu maze amudugana i Bamoti-Bayali, aho yashobora kubona abo bantu bose+.