ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Zaburi 39
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Zaburi: ibirimwo

      • Ubuzima ni bugufi

        • Umuntu ameze nk’impemu zitumuka (5, 11)

        • «Ntiwirengagize amarira yanje» (12)

Zaburi 39:akajambo k’intangamarara

Utujambo tw'epfo

  • *

    Raba Insiguro y’amajambo.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Ng 16:41; 25:1

Zaburi 39:1

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «nzoshira ikirumyo ku munwa wanje.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Img 18:21
  • +Zb 141:3

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/5/2009, rup. 4

    15/5/2006, rup. 20

Zaburi 39:2

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ariko ububabare bwanje bwaguma bwongerekana.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 38:13; Mt 27:12; 1Pt 2:23

Zaburi 39:3

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «warashuha.»

  • *

    Canke «naniha.»

Zaburi 39:4

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ingene mara akanya gato.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 90:12

Zaburi 39:5

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «imparurwa.»

  • *

    Raba Insiguro y’amajambo.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 90:9; Yak 4:14
  • +Zb 90:4
  • +Zb 62:9; 144:4

Zaburi 39:6

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «akomera induru.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 49:10; Ums 2:18, 19; 4:8; Lk 12:19, 20

Zaburi 39:8

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 25:11; Mik 7:19

Zaburi 39:9

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yb 40:4; Zb 38:13
  • +2Sm 16:10

Zaburi 39:11

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 90:8
  • +Zb 39:5; 102:11

Zaburi 39:12

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «umwimukira.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 28:1
  • +Lw 25:23; 1Ng 29:15
  • +Heb 11:13

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Zab. 39:akajambo k’intangamarara1Ng 16:41; 25:1
Zab. 39:1Img 18:21
Zab. 39:1Zb 141:3
Zab. 39:2Zb 38:13; Mt 27:12; 1Pt 2:23
Zab. 39:4Zb 90:12
Zab. 39:5Zb 90:9; Yak 4:14
Zab. 39:5Zb 90:4
Zab. 39:5Zb 62:9; 144:4
Zab. 39:6Zb 49:10; Ums 2:18, 19; 4:8; Lk 12:19, 20
Zab. 39:8Zb 25:11; Mik 7:19
Zab. 39:9Yb 40:4; Zb 38:13
Zab. 39:92Sm 16:10
Zab. 39:11Zb 90:8
Zab. 39:11Zb 39:5; 102:11
Zab. 39:12Zb 28:1
Zab. 39:12Lw 25:23; 1Ng 29:15
Zab. 39:12Heb 11:13
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Zaburi 39:1-13

Zaburi

Ku mukuru w’abaririmvyi: bayiririmbira ku mudiho wa Yedutuni*+. Ni zaburi ya Dawidi.

39 Navuze nti: «Nzokwiyubara

kugira sincumure n’ururimi rwanje+.

Nzokwugara umunwa wanje*+,

igihe cose umubisha azoba akiri imbere yanje.»

 2 Nabaye nk’umuragi, nguma ncereje+.

Mbere n’ivyiza nta co nabivugako,

ariko ububabare bwanje bwari bwinshi*.

 3 Umutima wanje wararurumba* muri jewe.

Uko navyiyumvira* ni ko umuriro wabandanya kwaka.

Nahavuye ntangura kuvuga nti:

 4 «Ewe Yehova, mfasha menye iherezo ryanje,

hamwe n’igitigiri c’imisi yanje+,

kugira menye ukuntu ubuzima bwanje ari bugufi*.

 5 Erega watumye imisi yanje iba mike*+.

Ikiringo c’ubuzima bwanje ni nk’ubusa imbere yawe+.

Emwe, umuntu naho yoba asa n’uwushinze imizi, ni impemu zitumuka gusa+. (Sela*)

 6 Ni ukuri, ubuzima bw’umuntu bumeze nk’igitutu.

Yiyahagurira* ubusa gusa.

Yirundaniriza ubutunzi atazi n’uwuzoburya+.

 7 None ni igiki nokwitega ga Yehova?

Ni wewe gusa nizigiye.

 8 Nunkize ibicumuro vyanje vyose+.

Ntureke ngo imburabwenge zinsuzugure.

 9 Nagumye ncereje,

sinakurako umunwa+,

kuko ivyo vyose ari we watumye biba+.

10 Nunkureko igihano cawe.

Ndaremvye kuko ukuboko kwawe kuguma kunkubita.

11 Ukosora umuntu mu kumuhanira ikosa ryiwe+.

Umara ibintu vyiwe vy’agaciro nk’agakoko karya impuzu.

Emwe, umuntu wese ameze nk’impemu zitumuka+. (Sela)

12 Ewe Yehova, niwumve isengesho ryanje,

wumvirize ugutabaza kwanje+.

Ntiwirengagize amarira yanje.

Kuko ndi kavamahanga gusa kuri wewe+,

ingenzi irengana* nka ba sokuruza banje bose+.

13 Nunkureko igitsure cawe, kugira nsubire kunezerwa

imbere y’uko nipfira simbe nkiriho.»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika