ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Zaburi 52
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Zaburi: ibirimwo

      • Kwizigira urukundo rw’Imana

        • Imburi ku biratira ibikorwa vyabo bibi (1-5)

        • Abatubaha Imana bizigira ubutunzi (7)

Zaburi 52:akajambo k’intangamarara

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «masikili.» Raba Insiguro y’amajambo (Masikili).

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Sm 22:9

Zaburi 52:1

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Sm 21:7; Zb 94:3, 4
  • +Zb 103:17

Zaburi 52:2

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 57:4; 59:7
  • +1Sm 22:9, 18; Zb 109:2

Zaburi 52:3

Utujambo tw'epfo

  • *

    Raba Insiguro y’amajambo.

Zaburi 52:5

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Img 12:19; 19:9
  • +Zb 37:9
  • +Img 2:22

Zaburi 52:6

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 37:34
  • +Zb 58:10

Zaburi 52:7

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «igihome gikomeye.»

  • *

    Canke «akugama munsi ya.»

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «amarushwa ateza.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 17:5
  • +Zb 49:6, 7; Img 11:28

Zaburi 52:8

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 13:5; 147:11

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/6/2006, rup. 11

    1/7/2005, rup. 13-14

Zaburi 52:9

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 50:15
  • +Zb 27:14; 123:2; Img 18:10

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Zab. 52:akajambo k’intangamarara1Sm 22:9
Zab. 52:11Sm 21:7; Zb 94:3, 4
Zab. 52:1Zb 103:17
Zab. 52:2Zb 57:4; 59:7
Zab. 52:21Sm 22:9, 18; Zb 109:2
Zab. 52:5Img 12:19; 19:9
Zab. 52:5Zb 37:9
Zab. 52:5Img 2:22
Zab. 52:6Zb 37:34
Zab. 52:6Zb 58:10
Zab. 52:7Yr 17:5
Zab. 52:7Zb 49:6, 7; Img 11:28
Zab. 52:8Zb 13:5; 147:11
Zab. 52:9Zb 50:15
Zab. 52:9Zb 27:14; 123:2; Img 18:10
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Zaburi 52:1-9

Zaburi

Ku mukuru w’abaririmvyi. Ni indirimbo* ya Dawidi, igihe Dowegi Umunyedomu yaja kubwira Sawuli ko Dawidi yaje kwa Ahimeleki+.

52 Wa munyenkomezi, kuki wiratira ibikorwa vyawe bibi+?

Urukundo* rw’Imana rwamaho ibihe vyose+.

 2 Ururimi rwawe rukarishe nk’urwembe+.

Rutegura ibintu bibabaza kandi rukavuga ibinyoma+.

 3 Ukunda ikibi kuruta iciza,

ugakunda kubesha kuruta kuvuga ukuri. (Sela*)

 4 Ewe wa rurimi rubesha,

ukunda amajambo ababaza gusa.

 5 Ni co gituma Imana izogusiturira hasi rimwe rizima+.

Izogucakira igushikure mw’ihema ryawe+,

ikurandure mu gihugu c’abazima+. (Sela)

 6 Abagororotsi bazobibona batinye cane+,

kandi bazogutwenga+, bavuge bati:

 7 «Raba umuntu atagize Imana ubuhungiro bwiwe*+,

mugabo akizigira ubutunzi bwiwe bwinshi+,

akishimira* imigambi yiwe mibi*.»

 8 Ariko jewe nzomera nk’igiti c’umwelayo gitotahaye mu nzu y’Imana.

Nzokwizigira urukundo* rw’Imana+ gushika ibihe bidahera.

 9 Nzogushemeza ibihe vyose kubera wagize ico ukoze+.

Imbere y’intahemuka zawe,

nzokwizigira izina ryawe+ kuko ari vyiza.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika