Zaburi
Ku mukuru w’abaririmvyi: bayiririmbira kw’ijwi ryitwa «Ilisi ryo kwibutsa.» Igenewe kwigisha. Ni indirimbo* ya Dawidi, igihe yarwana na Aramu-Naharayimu na Aramu-Zoba, Yowabu na we akagaruka akicira Abanyedomu 12.000 mu mubande w’Umunyu+.
60 Ewe Mana, waradutaye, uradushwiragiza+.
Waradushavuriye, ariko ubu nusubire utwakire.
2 Waranyiganyije isi, urayisatura.
Nuzibire imigaga yayo, kuko iriko irasenyuka.
3 Watumye abantu bawe bashikirwa n’ivyago,
utunywesha umuvinyu utuma tudandabagirana+.
6 Mu bweranda* bwayo, Imana yavuze iti:
7 Gileyadi ni rwanje kandi na Manase+ ni rwanje.
Efurayimu ni inkofero* ikingira umutwe wanje,
Yuda na we ni inkoni yanje ya kizigenza+.
8 Mowabu ni ibesani nkarabiramwo+.
Nzoterera ibirato* vyanje kuri Edomu+.
Nzokwigina intsinzi ku Bufilisitiya+.»
9 Ni nde azontwara mu gisagara cugarijwe*?
Ni nde azonjana gushika muri Edomu+?