Ku mukuru w’abaririmvyi. Ni zaburi y’abahungu ba Kora+.
85 Ewe Yehova, waragiriye ubuntu igihugu cawe+.
Waragarukanye uruvyaro rwa Yakobo rwari rwaragizwe imbohe+.
2 Warahariye ikosa ry’abantu bawe,
urababarira ibicumuro vyabo vyose+. (Sela)
3 Waratangiriye uburake bwawe bwose,
uratsinda ishavu ryawe rirurumba+.
4 Ewe Mana y’ubukiriro bwacu, subira utugirire ubuntu,
ureke ishavu wari udufitiye+.
5 None uzoguma udushavuriye ibihe vyose+?
Uzogumana ishavu gushika ibihe bidahera?
6 None ntuzosubira kuduhembura,
kugira ngo abantu bawe tunezerwe kubera wewe+?
7 Ewe Yehova, nutugirire ubuntu+
kandi uturonse ubukiriro.
8 Nzokwumviriza ivyo Yehova Imana y’ukuri avuga,
kuko azobwira ivy’amahoro abantu biwe+, intahemuka ziwe.
Ariko ntibaze basubire kwiyizigira birenze+.
9 Emwe, yama yiteguriye gukiza abamutinya+,
kugira ubuninahazwa bwiwe bube mu gihugu cacu.
10 Urukundo n’ukudahemuka bizonywana,
kandi ubugororotsi n’amahoro bizosomana+.
11 Ukudahemuka kuzonaga mw’isi,
kandi ubugororotsi buzoraba kw’isi buri mw’ijuru+.
12 Ni ukuri Yehova azoduha ivyiza+,
kandi igihugu cacu kizotanga umwimbu waco+.
13 Ubugororotsi buzogendera imbere yiwe+,
bucire inzira ibirenge vyiwe.