Zaburi
Ni indirimbo. Ni zaburi ya Dawidi.
108 Ewe Mana, umutima wanje urashikamye.
Nzokuririmbira nongere ngucurarangire n’umutima wanje wose+.
2 Niwikangure wa gicurarangisho c’imirya, na wewe wa nanga+!
Ngira nkangure umutwenzi.
4 Kuko urukundo* rwawe ari rwinshi, ni rurerure gushika mw’ijuru+.
Ubwizigirwa bwawe bushika hejuru mu bicu.
7 Mu bweranda* bwayo, Imana yavuze iti:
8 Gileyadi+ ni rwanje kandi na Manase ni rwanje.
Efurayimu ni inkofero* ikingira umutwe wanje+,
Yuda na we ni inkoni yanje ya kizigenza+.
9 Mowabu ni ibesani nkarabiramwo+.
Nzoterera ibirato* vyanje kuri Edomu+.
Nzokwigina intsinzi ku Bufilisitiya+.»
10 Ni nde azontwara mu gisagara gikingijwe ibihome?
Ni nde azonjana gushika muri Edomu+?