Ni indirimbo y’abariko baraduga.
125 Abizigira Yehova+
bameze nk’umusozi Siyoni udashobora kunyiganyizwa.
Wamaho ibihe vyose+.
2 Nka kurya nyene imisozi ikikuje Yeruzalemu+,
ni ko Yehova akikuje abasavyi biwe+,
kuva ubu no gushika ibihe bidahera.
3 Abanyakibi ntibazoguma baganza igihugu c’abagororotsi+,
kugira ngo abagororotsi ntibahave batangura gukora ibibi+.
4 Ewe Yehova, nugirire neza abantu beza+,
abantu bafise umutima ugororotse+.
5 Ariko abakevya bagaca mu nzira zigoramye,
Yehova azobarandurana n’inkozi z’ikibi+.
Amahoro nabe kuri Isirayeli!