Ku mukuru w’abaririmvyi. Ni zaburi ya Dawidi.
21 Ewe Yehova, umwami aranezerwa n’inkomezi zawe+.
Ese ingene ahimbarwa cane n’ubukiriro utanga+!
2 Wamuhaye ico umutima wiwe wipfuza+,
kandi ntiwamwimye ico iminwa yiwe yagusavye. (Sela)
3 Kuko umusanganiza imihezagiro myinshi,
ugashira ku mutwe wiwe urugori rw’inzahabu nzizanziza+.
4 Yagusavye ubuzima urabumuha+,
umuha kuramba gushika ibihe bidahera.
5 Ubukiriro utanga butuma aninahazwa cane+.
Wamuhaye kugira iteka n’ubwiza buhebuje.
6 Wamugize uwahezagiwe ibihe vyose+,
utuma ahimbarwa no kuba ari imbere yawe+.
7 Kuko umwami yizigira Yehova+.
Kubera urukundo rwa Musumbavyose, ntazokwigera anyiganyizwa+.
8 Ukuboko kwawe kuzofata abansi bawe bose.
Ukuboko kwawe kw’ukuryo kuzofata abakwanka.
9 Niwabahagurukira, uzobagira nk’ikintu batereye mw’ifuru irurumba.
Yehova azobarandura n’ishavu n’akantu, kandi umuriro uzobarigata+.
10 Ababakomokako uzobarandura kw’isi,
n’uruvyaro rwabo ururandure mu bantu.
11 Kuko bashatse kugukorera ikibi+.
Imigambi mibi bapanze nta co izoshikako+.
12 Uzobasubiza inyuma+
mu kubatumberezako umuheto wawe.
13 Haguruka Yehova, werekane inkomezi zawe.
Tuzoririmba duhayagiza ububasha bwawe.