ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 4/14 rup. 12-13
  • Tuje muri Kamboje

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Tuje muri Kamboje
  • Be maso!—2014
Be maso!—2014
g 4/14 rup. 12-13
Imirima y’umuceri muri Kamboje

IBIHUGU N’ABABIBAMWO

Tujemuri Kamboje

Ikarata ya Kamboje

IBIGWATI vyubatse hejuru y’amazi, utuguriro tunyagaramwo abantu, amabarabara yuzuyemwo amapikipiki atwaye ibintu vy’ubwoko bwose kuva ku nkoko gushika ku mafirigo: ivyo ni bimwe gusa mu vyo ushobora kubona no kwumva irya n’ino muri Kamboje.

Abanyakamboje bazwi ko ari abantu b’igishika, b’umutima mwiza kandi bafatanye mu nda. Mu biringo bisanzwe, hari igihe bitana ngo mwenewacu, mushikanje, senge, datawacu, sogokuru canke nyogokuru, n’igihe baba bahuye ari ryo rya mbere!

Inzu zihagaze ku biti bishinze hejuru y’amazi

Abanyakamboje bamwe baba mu bwato, abandi bakaba mu nzu zihagaze ku biti bishinze canke bireremba ku mazi. Hariho n’amashure, ibitaro, utuguriro n’ibibanza badandarizamwo igitoro bireremba ku mazi

Icamwa citwa fruit du dragon

Icamwa citwa fruit du dragon kirakundwa cane muri Kamboje

Muri Kamboje barakunda guteka umuceri. Kenshi usanga bihereza imfungurwa z’ubwoko butatu canke bune, harimwo n’isupu. Barakunda cane ifi. Birashika kenshi bagafungurira rimwe imfungurwa zisosa, izikarishe, n’izirimwo umunyu.

Abadandaza n’ingenzi b’Abahindi bagiye mu Bushinwa, baratanguye kuza baraca ku nkengera y’ibahari muri Kamboje, ubu hakaba haheze nk’imyaka ibihumbi bibiri. Bahageze baca batanga amaharire n’ubutare kugira baronke ibirungo, ibiti bimota, amasenge y’inzovu n’inzahabu. Imico yo mu Buhindi no mu Bushinwa yahavuye itsimbatara muri Kamboje, bica bituma idini ry’abahindu n’iry’ababuda ahashinga imizi. Ubu ibice birenga 90 kw’ijana vy’abanyagihugu baho ni ababuda.

Ivyabona vya Yehova bo muri Kamboje barashikiriza abantu ubutumwa butanga icizigiro bwo muri Bibiliya. Baramaze gufasha abantu benshi bakoresheje igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? Ico gitabu kiraboneka mu ndimi nka 250, harimwo n’ikinyakamboje.

Ivyabona vya Yehova bariko bashikiriza umugabo w’Umunyakamboje ubutumwa butanga icizigiro bwo muri Bibiliya

Abantu barenga 1.500 bo muri Kamboje bariko bariga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova, maze bakaronka inyishu z’ibibazo nk’ibi: “Abapfuye bari hehe? Ni umugambi uwuhe Imana ifitiye isi?”

IBIHARANGA MURI MAKE

  • Abanyagihugu: Nk’imiliyoni 14

  • Umurwa mukuru: Phnom Penh

  • Ikirere: Harasusuruka canke hagashuha cane, hakaba ici n’igihe c’imvura

  • Ivyo bashora mu mahanga: Impuzu, ibiti, igiterwa citwa hévéa, umuceri

Igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? mu kinyakamboje

Igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? (ubona kuri iyo foto) gisohorwa n’Ivyabona vya Yehova, kikaba kiboneka mu kinyakamboje.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika