ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 3/14 rup. 10-11
  • Tuje muri Salvador

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Tuje muri Salvador
  • Be maso!—2014
Be maso!—2014
g 3/14 rup. 10-11
Akarere ko muri Salvador

IBIHUGU N’ABABIBAMWO

Tuje muri Salvador

Ikarata ya Salvador

IGIHE Abanyespanye bashika mu gihugu ubu citwa Salvador, hakaba haheze imyaka 500, abantu bo mu bwoko nyamukuru bwaho bita ico gihugu Cuscatlán, rikaba ari izina risobanura ngo “Igihugu c’ibirezi.” Muri iki gihe, benshi mu banyagihugu baho bakomotse ku moko y’imvukira zaho be n’Abanyaburaya bagiye kuhagerera.

Abanyagihugu bo muri Salvador bazwi ko ari abantu bakunda ibikorwa kandi b’umutima mwiza. Vyongeye ni abantu b’urupfasoni kandi bubaha. Imbere yo kuganiriza umuntu canke binjiye aho badandariza, babanza kuramutsa n’urupfasoni ngo “Buenos días” (mwaramutse) canke ngo “Buenas tardes” (mwiriwe). Nkako, ababa hagati mu gihugu no mu bisagara bitobito babona ko bitaranga urupfasoni kurengana umuntu utamuramukije.

Umukenyezi ariko aramura ikawa

Uburimyi bw’ikawa bwararanze cane kahise ka Salvador

Zimwe mu mfungurwa bakunda cane ni izitwa pupusa, zikaba zimeze nk’icapati zikoze mw’ifu y’ibigori canke y’umuceri zirimwo iforomaji n’ibiharage, inyama y’ingurube canke ibindi. Izo mfungurwa kenshi bazikoza agasosi k’itomati hamwe n’imboga zitwa curtido zigizwe n’uruvange rw’amashu, amakaroti, ibitunguru n’inkarihe (vinaigre) irimwo ibirungo. Naho bamwebamwe bakoresha imbugita n’ikanya mu gufungura pupusa, mu mico yabo bakunda kuzirisha iminwe.

Imfungurwa zitwa pupusas

Imfungurwa zitwa pupusa ni zimwe mu zikundwa cane muri Salvador

Isumo Los Tercios

Isumo Los Tercios ry’i Suchitoto

WARI UBIZI? Igihugu ca Salvador ciswe igihugu c’ibirunga. Hariyo ibirunga birenga 20, bimwebimwe muri vyo bikaba bigicira umuriro n’ubu. Isumo ry’amazi ryitwa Los Tercios rishunguruka ku bibuye birebire vy’impande zitandatuzitandatu vyavuye mu birunga.

Muri Salvador hari Ivyabona vya Yehova barenga 38.000 bari mu mashengero nka 700. Barigisha Bibiliya abantu nka 43.000 mu gisupanyoli, mu congereza no mu rurimi rwaho rw’ibimenyetso.

IBIHARANGA MURI MAKE

  • Abanyagihugu: 6.267.000

  • Umurwa mukuru: San Salvador

  • Ururimi rwo mu nzego za Leta: Igisupanyoli

  • Ikirere: Mu biyaya vyo ku nkengera y’ibahari n’ivyo hagati mu gihugu usanga hashushe cane; mu misozi hoho ntihashuha cane canke ngo hakanye cane

  • Ingene hameze: Hagizwe ahanini n’imisozi, hagati na ho hakaba itaba

WOKWISHURA IKI?

Ni vyo canke si vyo?

  1. Igihugu ca Salvador ni co gitoyi mu bihugu vyo muri Amerika yo Hagati.

  2. Salvador ni co gihugu kirimwo abantu benshi kuruta ibindi muri Amerika yo Hagati.

  3. Nyinshi mu mfungurwa zo muri Salvador zirimwo ibirungo bikaze.

  4. Uburimyi bw’ikawa bwararanze cane kahise ka Salvador.

Inyishu: Kuri A, B, na D ni vyo; kuri C si vyo. Abagendera ico gihugu benshi bavuga ko ibirungo vyo mu mfungurwa zaho bidakaze.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika