ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 3/14 rup. 14-15
  • Igihe ivyo wari witeze mu mubano bitarangutse

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Igihe ivyo wari witeze mu mubano bitarangutse
  • Be maso!—2014
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • INGORANE
  • Igihe ubugenzi burenze urugero
    Be maso!—2013
  • Ingene mwobabarirana
    Be maso!—2013
  • “Umubano w’ababiranye nube uwuteye iteka”
    “Mwigumize mu rukundo rw’Imana”
  • Igihe mutabona ibintu kumwe
    Icofasha umuryango
Ibindi
Be maso!—2014
g 3/14 rup. 14-15
Umukenyezi avunitse umutima ku bijanye n’umubano wiwe

ICOFASHA UMURYANGO | UMUBANO

Igihe ivyo wari witeze mu mubano bitarangutse

INGORANE

Abubakanye babohewe hamwe n’amapingu ku maguru

Imbere y’uko wubaka urwawe, wabona ko wewe n’uwo mwubakanye muhuriye kuri vyinshi. Ariko ubu waravunitse umutima kubera ko ivyo wari witeze atari vyo ubona, ku buryo umubano usigaye uwubona nk’agasho aho kuba isôko ry’umunezero.

Birashoboka ko munagura ubucuti bwanyu. Ariko imbere ya vyose, rimbura ivyoshobora gutuma muvunika umutima.

IKIBITERA

Ibiba mu buzima bwa misi yose. Akazi ka misi yose, ukurera abana n’imigenderanire mugiranira n’ab’iwabo n’uwo mwubakanye birashobora kubangamira agahimbare ko mu mubano wanyu. Vyongeye, ingorane mutari mwiteze, nk’ibibazo vy’ubutunzi canke ukurwaza uwo mu muryango igihe kirekire, birashobora kutorohereza umubano wanyu.

Mubona umengo ntimushobora guhuza. Abakireshanya barakunda kwirengagiza ivyo badahurizako. Ariko bamaze kwubakana, barabona ingene umugabo n’umugore batandukanye, nko mu bijanye no guserura akari ku mutima, gukoresha amahera no gutorera umuti ingorane. Ivyo badahurizako bahora babona ko ari utuntu ata co tuvuze, vyoshobora gusigara ari ibintu babona ko batokwihanganira.

Ntimuciyumvanamwo. Amajambo ataryoshe abubakanye babwirana canke ibintu bitabereye bakoreranira be n’ingorane nyinshi ziba zitatorewe umuti, birashobora gutuma umugabo canke umugore agera aho ataba agiserura akari ku mutima, canke n’ikibabaje kuruta, agatangura kwiyumvamwo uwundi muntu.

Mwari mwiteze ibidashoboka. Abantu bamwebamwe bubaka urwabo bishiramwo ko baronse uwo bakwiranye ijana kw’ijana. Naho umuntu ashobora kubona ko kwiyumvira gutyo birimwo urukundo, birashobora gutuma abubakanye bagira ibibazo bikomeye. Ingorane zitanguye, ca ciyumviro c’uko baronse uwo bakwiranye ijana kw’ijana gica gisenyuka, bompi bagasigara babona ko bahisemwo nabi.

ICO WOKORA

Niwibande ku vyiza ubona ku wo mwubakanye. Gerageza iki kintu: Niwandike ibintu bitatu ushima ku wo mwubakanye. Niwame ubifise, kumbure uvyandike inyuma ku gafoto k’ubugeni bwanyu canke mu kuma ngendanwa. Nuze uracishamwo ubisoma kugira wiyibutse icatumye umushima. Kwibanda ku vyiza ubona ku wo mwubakanye, bituma haba amahoro kandi bizobafasha kwihanganira ivyo mudahurizako.​—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Abaroma 14:19.

Nimuze murategekanya kumarana akanya kadasanzwe. Mutarubakana, mushobora kuba mwarategekanya umwanya wo gukorera utuntu hamwe. Gusohokana vyababera bishasha kandi bikabaryohera, ariko ntimwapfa kubigira mutabiteguye. Ubona gute n’ubu mugize ikintu nk’ico? Nimutegekanye uturyo two kumarana akanya kadasanzwe, nk’aho mwoba muriko murareshanya. Ivyo birashobora gukomeza ubucuti bwanyu, bikanatuma murushiriza kuvyifatamwo neza igihe hadutse ingorane mutari mwiteze.​—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Imigani 5:18.

Nimubwirane akari ku mutima. Nimba uwo mwubakanye hari ico yavuze canke yakoze cakubabaje, woba ushobora kucihoza? Nimba bidashoboka, nuvyifatemwo nk’umuntu akuze, wirinde guca ureka kumuvugisha. Nimubiyage mutekanye vuba hashoboka, bikunze mubigire uwo musi nyene.​—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Abanyefeso 4:26.

Nimba uwo mwubakanye hari ico yavuze canke yakoze cakubabaje, woba ushobora kucihoza?

Niwirinde kumwiyumvira nabi igihe akubabaje. Mu bisanzwe nta n’umwe muri mwebwe yokwigera yipfuza kubabaza mugenziwe. Nufashe rero uwo mwubakanye gutahura ico kintu mu kumusaba imbabazi bivuye ku mutima ku vyo woba wakoze vyamubabaje. Nimuce murabira hamwe ivyo mwempi mwokora kugira mwirinde kubabazanya mutabizi. Nimukurikize impanuro Bibiliya itanga igira iti: “Mube abanyabuntu kuri bagenzi banyu, mugire impuhwe z’ikibabarwe, mubabariranira ata gahigihigi.”​—Abanyefeso 4:32.

Ntiwitege ibidashoboka. Bibiliya ubwayo iravuga ko abubaka “bazogira amakuba mu mubiri wabo.” (1 Abakorinto 7:28) Ayo makuba abashikiye, ntuce wihutira kubona ko wahisemwo nabi. Ahubwo riho, nusenyere ku mugozi umwe n’uwo mwubakanye mu gutorera umuti ivyo mudahurizako kandi “mubandanye kwihanganirana no kubabarirana ata gahigihigi.”​—Abakolosayi 3:13.

IVYANDITSWE NYAMUKURU

  • “Dukurikirane ibiremesha amahoro.”​—Abaroma 14:19.

  • “Unezeranwe n’umugore wo mu buto bwawe.”​—Imigani 5:18.

  • “Izuba ntirirenge mugishavuye.”​—Abanyefeso 4:26.

NUSHITSE IVYO WASEZERANYE

Woba wibuka ivyo wasezeranye muri ya ndagano y’ukwabirana? Ubona gute uvyiyibukije maze ukibaza uti: ‘Noba ndiko ndashitsa neza ivyo nasezeranye?’ Niwirinde kuguma uraba nimba uwo mwubakanye ariko arashitsa ivyo yasezeranye. Wasezeranye ivyo wewe ubwawe uzokora. Umwe wese muri mwebwe yihatiye gushitsa ivyo yasezeranye, mwempi muzoshobora guhimbarwa n’ivyiza bizovamwo.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika