ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 9/14 rup. 12-13
  • Wogerageza gute kwikingira indwara y’igisukari?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Wogerageza gute kwikingira indwara y’igisukari?
  • Be maso!—2014
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Indwara y’igisukari ni iki?
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2003
Be maso!—2014
g 9/14 rup. 12-13
Umugabo n’umugore bariko barinonora imitsi

Wogerageza gute kwikingira indwara y’igisukari?

IGITIGIRI c’abarwaye indwara y’igisukari kiriko kirongerekana cane ku buryo isigaye ari ikiza kw’isi yose. Indwara y’igisukari iri ubwoko bubiri. Iyo mu bwoko bwa 1 ikunda gufata umuntu akiri umwana, kandi abaganga ntibaratora uburyo bwo kuyikinga. Ariko ibice nka 90 kw’ijana vy’abarwaye indwara y’igisukari, usanga barwaye iyo mu bwoko bwa 2. Iyo ni yo ivugwa muri iki kiganiro.

Kera babona ko indwara y’igisukari yo mu bwoko bwa 2 ari indwara y’abakuze gusa. Ariko ubu n’abana basigaye bayirwara. Naho ari ukwo, abahinga mu vy’amagara bavuga ko hari ivyo umuntu ashobora gukora kugira yikingire ku rugero runaka. Kumenya ibijanye n’iyo ndwara rwicaruhoze, birashobora kugufasha cane.a

Indwara y’igisukari ni iki?

Ni ingorane y’amagara iterwa n’ukugira isukari nyinshi cane mu maraso. Iyo isukari ishitse mu maraso, umubiri uca iyirungika mu bihimba bitandukanye vyawo, bigatuma umuntu aronka inguvu. Indwara y’igisukari rero ituma umubiri udakora neza ivyo bintu. Ironona ibihimba bihambaye cane vy’umubiri, amaraso ntatembere neza mu mubiri, rimwe na rimwe bikaba ngombwa ko baca amano canke ikirenge. Irashobora no gutera uruhumyi n’indwara y’amafyigo. Abarwaye igisukari benshi barahitanwa n’indwara y’umutima canke ingorane y’itembera ry’amaraso mu bwonko.

Kugira ibilo birenze urugero ni kimwe mu bintu nyamukuru bishobora gutuma umuntu arwara indwara y’igisukari yo mu bwoko bwa 2. Abahinga biyumvira yuko igihe ibinure ari vyinshi mu nda no mu kiyunguyungu bishobora gutuma umuntu ahakwa kurwara igisukari. Na canecane iyo ibinure ari vyinshi ku gitigu no ku rwagasha, bica bituma umubiri biwugora gucungera urugero rw’isukari mu maraso. None umuntu yokora iki kugira ngo agerageze kwikingira?

Ibintu bitatu wokora

1. Nimba uri mu mugwi w’abahakwa kurwara igisukari, niwipimishe. Imbere y’uko umuntu arwara indwara y’igisukari yo mu bwoko bwa 2, usanga kenshi mu maraso yiwe urugero rw’isukari ruruta gatoyi urugero rusanzwe. Umuntu nk’uyo aba ageramiwe cokimwe n’uwurwaye igisukari, ariko hariho ubudasa: Naho hariho ibintu bishobora gufasha kugira ngo indwara y’igisukari ntiduge, iyo ndwara ntikira. Ariko bamwebamwe mu bafise urugero rw’isukari ruruta gatoyi urugero rusanzwe, barashoboye gutuma isukari igabanuka gushika ku rugero rusanzwe. Abantu mwene abo boshobora kutabonekako ibimenyetso vy’iyo ndwara, bigatuma batamenya ko bageramiwe. Amaraporo yerekanye yuko nk’imiliyoni 316 bo hirya no hino kw’isi bahakwa kurwara igisukari, ariko benshi muri bo bakaba batabizi. Nk’akarorero, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika honyene, ibice nka 90 kw’ijana vy’abahakwa kurwara igisukari usanga batabizi.

Ariko rero, uwutarafatwa n’iyo ndwara mugabo akaba afise isukari nyinshi mu maraso, ntiyoshira agati mu ryinyo. Uretse ko umuntu nk’uyo ari kabiri na rimwe akarwara indwara y’igisukari yo mu bwoko bwa 2, abahinga baheruka kwerekana yuko umuntu nk’uyo bishoboka cane ko arwara indwara yo mu mutwe. Nimba ufise ibilo birenze, ukaba utinonora imitsi, canke mu muryango wanyu hakaba hari uwuyirwaye canke uwigeze kuyirwara, ushobora kuba uri mu bahakwa kuyirwara. Ushaka guhera amazinda, niwipimishe urugero rw’isukari mu maraso.

2. Ntupfe ivyo ufunguye. Igihe cose bishoboka, vyoba vyiza ugize ibi bintu bikurikira: Nugabanye urugero rw’ivyo ufungura. Aho kunywa imitobe isosa cane n’ibinyobwa vyose birimwo gaze (nk’amafanta), nuze uranywa amazi, icayi canke ikawa. Aho gufungura ibifungurwa vyakuwemwo ivya ngombwa bimwebimwe, nufungure imikate y’ifu y’intete zidahinguye, umuceri udahinguye be n’ivyitwa amasupageti na makaroni vyakozwe mu ntete zidahinguye, ariko ubifungure ku rugero. Nufungure inyama zitagira ibinure vyinshi, ifi, ibifungurwa vyo mu bwoko bw’imise n’ibiharage.

1. Imboga; 2. Kwipima ibilo

3. Niwinonore imitsi. Kwinonora imitsi birashobora kugabanya urugero rw’isukari mu maraso bigatuma kandi ugumana ibilo biri ku rugero. Gabanya umwanya umara uraba imboneshakure, uwukoreshe mu kugira imyimenyerezo yo kwinonora.

Ntushobora guhindura ibintu mvukanwa, ariko urashobora guhindura ukuntu ubayeho. Gukora ivyo ushoboye kugira amagara yawe arushirize kuba meza ni ngirakamaro rwose.

a Ikinyamakuru Be maso! ntikiremesha abantu gufungura imfungurwa kanaka canke kugira imyimenyerezo kanaka yo kwinonora imitsi. Umuntu ku giti ciwe akwiye kuraba neza icomubera ciza, akanabaza muganga igihe bikenewe, imbere yo gufata ingingo zijanye n’amagara.

‘Narayihagurukiye!’ Vyavuzwe n’uwo twabajije ibibazo

Wamenye gute ko wahakwa kurwara igisukari?

Igihe naja gusaba akazi bakansaba kugirisha ibipimo vyerekana ingene amagara yanje yifashe, muganga yambwiye ati: ‘Utagize ico ukoze, indwara y’igisukari murareha.’ Hari ibintu bine vyatuma nshobora kuyirwara: Ubwa mbere, mva mu bwoko bukarirwa n’iyo ndwara. Ubwa kabiri, mu muryango wacu turayirwara. Ubwa gatatu, nari mfise ibilo birenze urugero. Ubwa kane, sininonora imitsi. Kubera ko ivyo bibiri vya mbere ntashobora kubihindura, nafashe ingingo yo kugira ico nkoze kuri ivyo bibiri vya nyuma.

None wakoze iki?

Naragiye kuraba umuhinga atanga impanuro mu bijanye n’indwara y’igisukari, aransigurira isano indwara y’igisukari ifitaniye n’ivyo umuntu afungura, ukwinonora imitsi n’ibilo umuntu afise. Naciye mfata ingingo yo guhindura ukuntu mbayeho. Naciye ntangura kuza ndafungura imboga z’ivyatsi nyinshi imbere yo gufungura ibindi. Ivyo vyatuma ndya bikeyi ku bindi bifungurwa. Naratanguye no kuza ndinonora imitsi, ico kikaba ari ikintu nari maze imyaka myinshi ntakora.

Hari ico vyavuyemwo?

Mu mwaka umwe n’amezi atandatu, nari maze gutakaza ic’icumi c’ibilo nari mfise, kandi ubu numva nonokewe. Sinipfuza na gato gusubira kumera nk’uko nari meze kera. Indwara y’igisukari si iyo gufyinako!

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika