ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w01 1/10 rup. 24-29
  • Ushobora Gufasha Gute Umwana w’“Icangazi”?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ushobora Gufasha Gute Umwana w’“Icangazi”?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Igituma Bamwebamwe Bafata Ingingo yo Kuva mu Kuri
  • Niwiyegereze Imana
  • Nimwihangane Mugabo Mushikame
  • Igihe Umwana Akiri muto Aciwe
  • Ukuntu Abandi Bashobora Gufasha
  • Ntutane n’Akabando
  • ‘Yehova, Imana Yuzuye Imbabazi n’Ubuntu’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • Nimumenyereze Umwana Wanyu Guhera mu Buhinja
    Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo
  • Bavyeyi, nimurere abana banyu mubigiranye urukundo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Bavyeyi, mwoba muriko murafasha abana gutera intambwe yo kubatizwa?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
w01 1/10 rup. 24-29

Ushobora Gufasha Gute Umwana w’“Icangazi”?

“[N]ezerwa [kuko]. . . yari yazimiye none arazimurutse.”​—LUKA 15:32, UB.

1, 2. (a) Abakiri bato bamwebamwe bakiriye gute ukuri? (b) Abavyeyi n’abana bari mu bihe nk’ivyo bashobora kwumva bamerewe gute?

“NDAVUYE mu kuri!” Ese ukuntu bica ivutu ku bavyeyi batinya Imana kwumva umwana avuga ayo majambo kandi atako batagize kugira ngo barerere abana babo mu nzira ya gikirisu! Abandi bakiri bato “baratwarwa akayombekere” gusa, batarinze kuvuga imigambi bafise. (Abaheburayo 2:1) Benshi muri bo basa na wa mwana w’icangazi wo muri wa mugani wa Yezu, yataye inzu ya se agasesagura intoranwa yiwe mu gihugu ca kure.​—Luka 15:11-16.

2 Naho atari benshi mu Vyabona vya Yehova bafise iyo ngorane, ku bayifise nta majambo yo kubahumuriza ariho ashobora kubakuramwo intuntu bafise. Kandi ico tutokwirengagiza ni umubabaro uwukiri muto yigira ibiro biteze ashobora kugira. Ijwi ryiwe ryo mu mutima rishobora kutamuha amahoro. Wa mwana w’icangazi wo mu mugani wa Yezu mu nyuma ‘yarisubiyeko,’ na vyo bitera umunezero se. Abavyeyi n’abandi bo mw’ishengero bashobora gute gufasha abana b’ivyangazi ‘kwisubirako?’​—Luka 15:17.

Igituma Bamwebamwe Bafata Ingingo yo Kuva mu Kuri

3. Ni imvo zimwezimwe izihe zituma abakiri bato bafata ingingo yo kuva mw’ishengero rya gikirisu?

3 Hariho abakiri bato ibihumbi amajana n’amajana basukurira Yehova bahimbawe mw’ishengero rya gikirisu. Ni kuki none abandi bana bakiri bato barivamwo? Bashobora kwumva yuko bariko barahomba ku bintu isi itanga. (2 Timoteyo 4:10) Canke bashobora kubona ko uruhongore rurinzi rwa Yehova hari ibintu vyinshi rubabuza. Ijwi ryo mu mutima ribagiriza ikibi, ugushima rwose uwo badasangiye igitsina, canke icipfuzo co kwemerwa n’urunganwe rwiwe birashobora na vyo nyene gutuma uwukiri muto atwarwa akayombekere akava mu mukuku wa Yehova. Uwukiri muto arashobora guhagarika gukorera Imana kubera abona abavyeyi biwe basa n’abiyorobeka canke akabibonana uwundi Mukirisu kanaka.

4. Ni igiki kenshi gituma abakiri bato bazimira?

4 Agatima be n’ingeso vyo kugarariza umwana agaragaza kenshi na kenshi ni ibimenyetso biranga ko agoyagoya mu vy’impwemu, vyerekana ibiri mu mutima wiwe. (Imigani 15:13; Matayo 12:34) Uwukiri muto yaba azimira abitumwe n’imvo iyihe, umuzi w’ingorane kenshi na kenshi ni uko ataba afise ‘ubumenyi nyakuri.’ (2 Timoteyo 3:7) Birahambaye yuko abakiri bato batsimbataza ubucuti bwa hafi na we, aho gusenga Yehova mu buryo bwo guheza umwuga gusa. Ni igiki kizobafasha kubigenza gutyo?

Niwiyegereze Imana

5. Ni igiki gikenewe kugira ngo uwukiri muto atsimbataze ubucuti bwa hafi n’Imana?

5 Umwigishwa Yakobo yanditse ati: “Mwiyegereze Imana, na yo izobēgēra.” (Yakobo 4:8) Kugira ngo ivyo abigire, uwukiri muto ategerezwa gufashwa kugira ngo atsimbataze akayabagu k’Ijambo ry’Imana. (Zaburi 34:8) Ubwa mbere azokenera “amata,” ni ukuvuga inyigisho z’ishimikiro za Bibiliya. Mugabo uko ahimbarwa n’Ijambo ry’Imana kandi akaronka akayabagu k’“imfungurwa zigumye,” ari zo makuru yimbitse yo mu buryo bw’impwemu, ntazoteba gukomera mu vy’impwemu. (Abaheburayo 5:11-14; Zaburi 1:2) Hari uwukiri muto yiyemereye icese yuko yari yaratwawe n’inzira z’isi, yatanguye gukunda ibintu vy’impwemu. Ni ibiki vyamufashije guhindukira? Kubera yakirije yompi inama yagiriwe yo gusoma Bibiliya yose, yagumye ku rutonde rwo gusoma Bibiliya adahorereza. Egome, gusoma Ijambo ry’Imana ubudahorereza birahambaye kugira ngo umuntu atsimbataze ubucuti bwa hafi na Yehova.

6, 7. Abavyeyi bashobora gufasha abana babo gute gutsimbataza ugukunda Ijambo ry’Imana?

6 Ese ukuntu bihambaye ko abavyeyi bafasha abana babo gutsimbataza ugukunda Ijambo ry’Imana! Naho bagira inyigisho y’umuryango idahorereza, umwigeme umwe w’umuyabaga yarifatanya n’abantu bigenza nabi. Ku vyerekeye inyigisho yabo y’umuryango, yibuka ibi: “Igihe Dawe abajije ibibazo, nasoma gusa inyishu, ntanamuraba mu maso.” Aho guhetura amayagwa gusa mu gihe c’inyigisho y’umuryango, abavyeyi b’inkerebutsi barakoresha ubuhanga bw’ukwigisha. (2 Timoteyo 4:2) Kugira ngo uwukiri muto yinovore inyigisho, ategerezwa kwumva yuko imwerekeye. Ni kuki none utobaza ibibazo bisaba ko umuntu aserura iryo agona maze ukamureka akavuga uko avyumva? Nuremeshe uwukiri muto gushira mu ngiro amayagwa aba ariko ararimburwa.a

7 Vyongeye, nutume ikiyago co mu Vyanditswe kiba igihimbaye. Igihe bibereye, nusabe abakiri bato bakine ibintu vyabaye bivugwa muri Bibiliya. Nubafashe kwiha ishusho y’aho hantu be n’ibintu vyari bigize ico gihugu aho ivyo bintu muriko muraganirako vyabereye. Gukoresha amakarata ndondabihugu be n’ibicapo vyoshobora gufasha. Egome, ukoresheje ukwiyumvira gutoyi, inyigisho y’umuryango irashobora kugirwa mu buryo buhimbaye kandi umuntu akaza arayihindagura. Abavyeyi kandi vyoba vyiza basuzumye ubucuti ubwabo bafitaniye na Yehova. Uko ubwabo barushiriza kwiyegereza Yehova, ni ko bashobora gufasha abana babo kubigenza gutyo.​—Gusubira mu Vyagezwe 6:5-7.

8. Isengesho rifasha gute umuntu kwiyegereza Imana?

8 Isengesho kandi rirafasha umuntu kwiyegereza Imana. Mu ntango y’imyaka yiwe y’ubuyabagaya, hari umwigeme yabuze ico afata n’ico areka ku vyerekeye uguhitamwo inzira ya gikirisu be n’ukwifatanya n’abagenzi batari basangiye ukwemera. (Yakobo 4:4) None yabigenjeje gute? Yavuze ati: “Ubwa mbere, narasenze vy’ukuri Yehova ndamubwira ukuntu numva merewe.” Yahavuye abona ko isengesho ryiwe ryishuwe igihe mu nyuma yaronka umugenzi mw’ishengero rya gikirisu ashobora guserurira akari ku mutima. Kwumva yuko Yehova yariko aramuyobora, vyatumye atangura kwubaka ubucuti bwiwe n’Imana. Abavyeyi barashobora gufasha abana babo mu kuryohora amasengesho ubwabo batura. Igihe basenga bari umuryango, abavyeyi barashobora gusuka ibiri ku mutima wabo kugira ngo abana babo bashobore kwumva ubucuti buri hagati y’abavyeyi na Yehova.

Nimwihangane Mugabo Mushikame

9, 10. Ni akarorero akahe Yehova yatanze mu kwihanganira Abisirayeli bigira ibiro biteze?

9 Igihe uwukiri muto atanguye gutwarwa akayombekere, yoshobora kugerageza kwikumira maze akarwanya akigoro kose abavyeyi biwe bagira kugira ngo bayage na we ku bintu vy’impwemu. Ni ibiki abavyeyi bashobora gukora mu gihe c’ikigeragezo nk’ico? Rimbura ivyo Yehova yagiraniye na Isirayeli ya kera. Mu kiringo c’imyaka irenga 900, yarihanganiye Abisirayeli ‘batagonda izosi’ imbere yuko abahebera mu nzira yabo y’ukwigira ibiro biteze. (Kuvayo 34:9; 2 Ngoma 36:17-21; Abaroma 10:21) Naho baza ‘baramugerageza,’ Yehova yarabagirira “imbabazi.” “Kenshi iroresha irya uburake bgayo, ntikangure uburake bgayo bgose.” (Zaburi 78:38-42) Imana nta kosa yakoze mu vyo yagirana na bo. Abavyeyi b’abanyarukundo barigana Yehova kandi bakihangana igihe umwana adaciye yakira neza utwigoro bagira two kumufasha.

10 Kuba uwiyumanganya canke uwihangana ntibisobanura ‘kubabara igihe kirekire’; bisigura yuko umuntu yanka gutana n’akabando ikizigizigi cose c’uko ubucuti bwononekaye bushobora gusubira kumera neza. Yehova yaratanze akarorero muri ivyo k’ukuntu umuntu yokwihangana. Yaribwirije mu kurungika abatwara ubutumwa ku Bisirayeli “uko bukeye.” Yehova “ya[ra]terw[a] akagongwe n’abantu biwe,” naho “[ba]shinyagurira izo ntumwa z’Imana, bagakēngēra amajambo yayo.” (2 Ngoma 36:15, 16) Yaringinze Abisirayeli, mu kuvuga ati: “Enda ni mugaruke, umuntu wese ave mu nzira yiwe mbi.” (Yeremiya 25:4, 5) Yamara, Yehova ntiyadohotse ku ngingo ngenderwako ziwe zigororotse. Abisirayeli babwirijwe ‘kugaruka’ ku Mana no ku ngingo zayo.

11. Abavyeyi bashobora gute kwihangana mugabo bashikamye mu vyo bagiranira n’umwana yataye umurongo?

11 Abavyeyi barashobora kwigana Yehova mu kuba abihangana ntibihutire guheba umwana yataye umurongo. Ata kwihebura, barashobora kuja imbere mu kuguma baseruriranira akari ku mutima bitagoranye canke bakagusubizaho nimba kwarayamye. Naho bumira ku ngingo ngenderwako zigororotse, barashobora “uko bukeye” kwinginga umwana kugaruka mu nzira y’ukuri.

Igihe Umwana Akiri muto Aciwe

12. Ni ibanga irihe abavyeyi bafise ku mwana abana na bo mugabo agakurwa mw’ishengero?

12 Bite ho igihe umwana abana n’abavyeyi yakoze ikibi gikomeye, hanyuma kubera agatima kiwe ko kutigaya agakurwa mw’ishengero? Kubera ko umwana abana n’abavyeyi, baba bagifise ibanga ryo kumucisha ubwenge no kumutoza indero mu buryo buhuje n’Ijambo ry’Imana. Ivyo vyogirwa gute?​—Imigani 6:20-22; 29:17.

13. Abavyeyi boshobora gute kugerageza gukora ku mutima umwana yahuvye?

13 Vyoshoboka, mbere vyoba ari vyiza kuruta, ko inyigisho nk’iyo be n’ugutoza indero nk’ukwo bigirwa mu gihe amugirira inyigisho ya Bibiliya mu mwiherero. Umuvyeyi ategerezwa kutaraba gusa agatima gakomantaye k’umwana kandi akagerageza kuraba ikiri mu mutima wiwe. Ni ibiki bijanye n’ukugoyagoya kwiwe mu vy’impwemu? (Imigani 20:5) Woba ushobora kumukora ku mutima? Ni ivyanditswe ibihe bishobora gukoreshwa mu buryo kirumara? Intumwa Paulo aradukura amazinda ati: “Ijambo ry’Imana [n]i rizima, rifise ubukuba, rifise ubugi buruta ubg’inkota zose, rikinjira n’aho ritanya ubugingo n’impwemu, rigatanya ingingo n’umusokōro, risuzuma ivyo umutima wiyumvira, ukagabira.” (Abaheburayo 4:12) Egome, abavyeyi ntibabwira umwana wabo gusa kudasubira kwisuka mu gukora ibibi. Barashobora kugerageza gutangura ivy’ukumuvura kandi bakabikurikirana.

14. Ni intambwe ya mbere iyihe uwukiri muto yahuvye akwiye gutera kugira ngo asubire kugiranira ubucuti na Yehova, kandi abavyeyi bashobora gufasha gute umwana gutera iyo ntambwe?

14 Uwukiri muto yahuvye akeneye gusubira kugiranira ubucuti na Yehova. Intambwe ya mbere ategerezwa gutera ni ‘ukwigaya, agahindukira.’ (Ivyakozwe 3:19; Yesaya 55:6, 7) Mu gufasha uwukiri muto ari mu nzu yabo kwigaya, abavyeyi bategerezwa ‘kwihangana, bagahanurisha ubugwaneza’ umwana atiteguriye kuvyakira neza. (2 Timoteyo 2:24-26) Barakeneye ‘kumukankamira’ nk’uko Bibiliya ibivuga. Ijambo ry’Ikigiriki ryahinduwe ngo “gukankamira” rirashobora kandi guhindurwa “gutanga ikimenyamenya kijijura.” (Ivyahishuriwe 3:19; Yohana 16:8) Gukankamira rero, birimwo kugaragaza ikimenyamenya gihagije kijijura umwana ko ari mu ngendo y’icaha. Ikitoharirwa co ni uko kubigira bitoroshe. Aho bishoboka, abavyeyi barashobora kumushika ku mutima, bakoresheje Ivyanditswe vyose bibereye kugira ngo bamujijure. Bakwiye kugerageza kumufasha gutahura ko akeneye ‘kwanka ibibi, agakunda ivyiza.’ (Amosi 5:15) Yoshobora gukubita “[agatima mpembero a]kava mu mutego wa wa Murwanizi.”

15. Ni uruhara uruhe isengesho rigira mu gutuma umuntu asubira kugiranira ubucuti na Yehova?

15 Mu bituma umuntu asubira kugiranira ubucuti na Yehova, isengesho ni ntahara. Birumvikana ko ata muntu akwiye “[gu]sengera” icaha vyibonekeza ko kiriko gikorwa n’umuntu uwo ari we wese yahoze yifatanya n’ishengero rya gikirisu, ata kwigaya. (1 Yohana 5:16, 17; Yeremiya 7:16-20; Abaheburayo 10:26, 27) Yamara rero, abavyeyi barashobora gusaba Yehova kugira ngo abahe ubukerebutsi bw’ingene bovyifatamwo. (Yakobo 1:5) Mu gihe uwukiri muto yaciwe atanga ikimenyamenya c’ukwigaya mugabo akaba “[a]dashi[ze] ubgoba imbere y’Imana,” abavyeyi boshobora gusenga basaba Imana nimba ibona hari icotuma ikosa ry’uwo mwana riharirwa, yuko hokorwa ukugomba kwayo. (1 Yohana 3:21) Kwumva ayo masengesho bikwiye gufasha uwukiri muto kubona ko Yehova ari Imana y’imbabazi.b​—Kuvayo 34:6, 7; Yakobo 5:16.

16. Dushobora gufasha gute abagize umuryango urimwo abana baciwe?

16 Igihe uwukiri muto yabatijwe aciwe, abagize ishengero vyitezwe yuko “[ba]tivanga” na we. (1 Ab’i Korinto 5:11; 2 Yohana 10, 11) Ivyo amaherezo vyoshobora kumufasha ‘kwisubirako’ maze akagaruka mu ruhongore rurinzi rw’Imana. (Luka 15:17) Ariko rero yaba agaruka canke atagaruka, abagize ishengero barashobora kuremesha umuryango w’uwo akiri muto yaciwe. Twese turashobora kurondera uturyo two kwerekana ko ‘tubababara’ kandi ko ‘tubagirira imbabazi.’​—1 Petero 3:8, 9.

Ukuntu Abandi Bashobora Gufasha

17. Ni ibiki abagize ishengero bakwiye kugumiza mu muzirikanyi igihe bagerageza gufasha umwana yazimiye?

17 Bite ho ku vyerekeye uwukiri muto ataciwe mw’ishengero rya gikirisu mugabo agoyagoya mu kwizera? Intumwa Paulo yanditse ati: “Urugingo rumwe iyo rubabaye, ingingo zose zirababazanywa na rwo.” (1 Ab’i Korinto 12:26) Abandi barashobora kwitwararikana umwete uwukiri muto nk’uwo. Birumvikana ko bakwiye kwiyubara ku rugero runaka, kubera uwukiri muto arwaye mu vy’impwemu yoshobora kwandukiza abandi bakiri bato. (Ab’i Galatiya 5:7-9) Mw’ishengero rimwe, hari abakuze bafise umutima mwiza bashatse gufasha abakiri bato bamwebamwe bari bagoyagoya mu vy’impwemu, babatumiye ku mitororokano kugira ngo batambire hamwe akaziki abantu benshi bakunda. Naho abo bayabaga bavyemeye kandi bakanezererwa ibiringo nk’ivyo, akosho bagiranyeko amaherezo kabashikanye ku kureka kwifatanya n’ishengero. (1 Ab’i Korinto 15:33; Yuda 22, 23) Igishobora gufasha kugira ngo umwana agwaye akire, si ibiteramo bigirwa bitarimwo ubuyobozi bwo vy’impwemu, ahubwo ni ukwifatanya n’abandi kumufasha gutsimbataza akayabagu k’ibintu vy’impwemu.c

18. Dushobora gute kwigana agatima ka se wa wa mwana w’icangazi wo mu mugani wa Yezu?

18 Niwiyumvire ukuntu uwukiri muto yavuye mw’ishengero ashobora kuba yiyumva igihe agarutse ku Ngoro y’Ubwami canke yitavye iteraniro. Ntidukwiye none kugaragaza agatima ko kumwakira nka kamwe ka se wa wa mwana w’icangazi wo mu mugani wa Yezu? (Luka 15:18-20, 25-32) Umuyabaga umwe yavuye mw’ishengero rya gikirisu maze mu nyuma akitaba ihwaniro ry’intara yavuze ati: “Niyumvira yuko umuntu wese yonyirengagije, mugabo abavukanyi n’abavukanyikazi baranyiyegereje barampa ikaze. Vyarankoze ku mutima cane.” Yatanguye gusubira kwiga Bibiliya maze mu nyuma arabatizwa.

Ntutane n’Akabando

19, 20. Ni kuki dukwiye kuzigama inyifato nziza ku biraba umwana w’icangazi?

19 Gufasha umwana w’“icangazi” kugira ngo ‘yisubireko’ bisaba ukwihangana, kandi birashobora kuba urugamba ku bavyeyi no ku bandi bantu. Mugabo ntutane n’akabando. “Umwami Imana ntitebeje isezerano ryayo, uko bamwe biyumvira kw iritevya. Ariko yihanganira mwebge, ntigomba ko hagira abahona, arikw igomba ko bose bihana.” (2 Petero 3:9) Turafise Ivyanditswe bidukura amazinda yuko Yehova ashaka ko abantu bigaya bakabona kubaho. Mu vy’ukuri, yaribwirije gushiraho indinganizo zituma abantu basubiza hamwe na we. (2 Ab’i Korinto 5:18, 19) Ukwihangana kwiwe kwatumye bishoboka ko abantu amamiliyoni bisubirako.​—Yesaya 2:2, 3.

20 None abavyeyi ntibakwiye gukoresha uburyo ubwo ari bwo bwose bushoboka bushingiye ku Vyanditswe kugira ngo bafashe umwana wabo w’icangazi kwisubirako? Nimwigane Yehova, mwihangane igihe mutera intambwe nziza zo gufasha umwana wanyu kugaruka kuri Yehova. Nimwumire ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya mushikamye, kandi mugerageze kugaragaza kamere za Yehova nk’urukundo, ubutungane n’ubukerebutsi igihe musenga musaba ko amufasha. Nk’uko abagarariji benshi b’intagondwa bakiriye neza ubutumire buranga urukundo Yehova yabahaye bwo kumugarukako, ni ko n’umuhungu wawe canke umukobwa wawe w’icangazi yoshobora kugaruka mu mukuku w’uburinzi w’Imana.​—Luka 15:6, 7.

[Utujambo tw’epfo]

a Ku vyerekeye izindi nama z’ukuntu wokwigisha abakiri bato mu buryo kirumara, raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Mukakaro 1999, urupapuro 23-27.

b Amasengesho mwene ayo ntazotangwa icese ku makoraniro y’ishengero ku bw’uwo mwana yaciwe, narirya abandi bashobora kuba batazi uko ivy’uwo muntu yaciwe vyifashe.​—Raba Umunara w’Inderetsi (Mu Gifaransa) wo ku wa 15 Nzero 1980, urupapuro 31.

c Kugira ngo uronke inama zitomoye, raba Réveillez-vous! yo ku wa 22 Gitugutu 1972, urupapuro 13-16; 22 Nyakanga 1996, urupapuro 21-23.

Woba Uvyibuka?

• Ni ibiki bishobora kuba ari umuzi w’ingorane igihe abakiri bato bava mw’ishengero?

• Abakiri bato bashobora gufashwa gute gutsimbataza ukugiranira ubucuti na Yehova?

• Ni kuki abavyeyi bakeneye kwihangana mugabo bashikamye mu gufasha umwana wabo w’icangazi?

• Abari mw’ishengero bashobora gufasha gute uwukiri muto w’icangazi ngo agaruke?

[Ifoto ku rup. 25]

Gusoma Ijambo ry’Imana birahambaye kugira ngo umuntu atsimbataze ubucuti bwa hafi na Yehova

[Ifoto ku rup. 25]

Isengesho rivuye ku mutima abavyeyi batura rirashobora gufasha abana babo kwumva ubucuti buri hagati y’abavyeyi na Yehova

[Ifoto ku rup. 27]

Nuhe ikaze umwana w’icangazi igihe ‘yisubiyeko’

[Ifoto ku rup. 28]

Nutere intambwe nziza kugira ngo ufashe umwana wawe kugaruka kuri Yehova

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika