ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • jy ikig. 31 rup. 76-rup. 77 ing. 2
  • Bamyoza ingano kw’Isabato

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bamyoza ingano kw’Isabato
  • Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Ivyo bijanye
  • Guhurutura Intete ku Musi w’Isabato
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Abakirisu boba babwirizwa kwubahiriza Isabato?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Ni ibiki vyemewe gukorwa kw’Isabato?
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Woba ukwiye kwubahiriza Isabato ya buri ndwi?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
Ibindi
Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
jy ikig. 31 rup. 76-rup. 77 ing. 2
Abigishwa ba Yezu bariko baramyoza bongera barya ingano kw’isabato

IKIGABANE CA 31

Bamyoza ingano kw’Isabato

MATAYO 12:1-8 MARIKO 2:23-28 LUKA 6:1-5

  • ABIGISHWA BAMYOZA INGANO KW’ISABATO

  • YEZU NI “UMUKAMA W’ISABATO”

Ubu na ho Yezu n’abigishwa biwe bafata inzira ica mu buraruko bagiye i Galilaya. Ni ku mpeshi, kandi imirima y’ingano ireze. Kubera yuko bashonje, abigishwa baramyoza ingano nkeyi maze bakazirya. Ariko rero, ni kw’Isabato kandi Abafarizayo bariko barabitegereza.

Ibuka ko haciye igihe gitoyi Abayuda bahatswe kwica Yezu i Yeruzalemu, bamwagiriza ngo yarenze kw’Isabato. Ubu na ho, Abafarizayo badukana ikirego gishingiye ku vyo abigishwa biwe bahejeje gukora. Bavuga bati: “Ehe abigishwa bawe bariko bakora ibitemewe gukorwa kw’isabato.”​—Matayo 12:2.

Abafarizayo bavuga yuko guhurutura ingano maze ukazinyukurira mu ntoke kugira uzirye ari cokimwe no kuzigenya hama ukazisekura. (Kuvayo 34:21) Ukuntu bakavya mu gusigura igikorwa ico ari co bituma Isabato iba umuzigo kandi yari igenewe kuba ikiringo giteye umunezero co kwiyegereza Imana. Yezu arabahinyuza akoresheje uburorero bwerekana ko Yehova atigeze ashaka ko itegeko ryerekeye Isabato ritahurwa gutyo.

Akarorero kamwe Yezu atanga ni akerekeye Dawidi n’ingabo ziwe. Igihe bari bashonje, baraciye ku rusengero maze bafungura imikate ishikanirwa Imana. Iyo mikate yari igenewe kuribwa n’abaherezi gusa, kuko yari imaze gukurwa imbere ya Yehova igasubirizwa mishasha. Ariko rero, no muri ico gihe nyene Dawidi n’ingabo ziwe ntibaciriwe rubi ngo ni uko bariye iyo mikate.​—Abalewi 24:5-9; 1 Samweli 21:1-6.

Yezu arabaha akandi karorero, ati: “Ntimwasomye mw’Itegeko, yuko ku masabato abaherezi mu rusengero bafata isabato nk’iyitari nyeranda, kandi bakaguma ata kibagira?” Ashaka kuvuga ko mbere no kw’Isabato, abaherezi babaga ibitungwa vy’ibimazi bagakora n’ibindi bikorwa ku rusengero. Yezu aca yongerako ati: “Mugabo ndababwiye yuko ng’aha hari ikiruta urusengero.”​—Matayo 12:5, 6; Guharūra 28:9.

Yezu arongera akikora ku Vyanditswe kugira atomore ico ashaka kuvuga. Agira ati: “Iyo muba mwaratahuye ico ibi bisobanura ngo: ‘Ico nshaka ni imbabazi, si ibimazi,’ ntimwari gutsindisha abatagira ikibagira.” Aca asozera ati: “Kuko Umwana w’umuntu ari Umukama w’isabato.” Aho Yezu ariko yerekeza kuri ya ntwaro yiwe y’imyaka igihumbi izorangwa n’amahoro.​—Matayo 12:7, 8; Hoseya 6:6.

Abantu baramaze igihe kirekire mu mibabaro iterwa n’ubuja bwa Shetani burangwa n’intambara n’ubukozi bw’ikibi. Ese ukuntu ivyo bitandukanye n’intwaro ya Kristu igereranywa n’Isabato ihambaye, we azoturonsa akaruhuko twari tunyotewe!

  • Ni igiki Abafarizayo bagiriza abigishwa ba Yezu, kandi kubera iki?

  • Ni gute Yezu yerekana ko Abafarizayo bihenda?

  • Ni mu buryo ki Yezu ari “Umukama w’isabato”?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika