ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • jy ikig. 52 rup. 128-rup. 129 ing. 7
  • Agaburira ibihumbi akoresheje udukate n’udufi dukeyi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Agaburira ibihumbi akoresheje udukate n’udufi dukeyi
  • Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Ivyo bijanye
  • Yezu Agaburira Abantu Ibihumbi ku Gitangaro
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Yezu agaburira abantu benshi
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Yezu Agaburira Ishengero
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Imikate n’umwambiro w’Abafarizayo
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
Ibindi
Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
jy ikig. 52 rup. 128-rup. 129 ing. 7
Yezu amanyagura udukate dutanu n’udufi tubiri hama agaca abiha abigishwa biwe ngo bagaburire abantu

IKIGABANE CA 52

Agaburira ibihumbi akoresheje udukate n’udufi dukeyi

MATAYO 14:13-21 MARIKO 6:30-44 LUKA 9:10-17 YOHANI 6:1-13

  • YEZU AGABURIRA ABAGABO 5.000

Za ntumwa 12 zaryohewe n’urugendo rwo kwigisha zagize i Galilaya, kandi ziriganira Yezu ‘ibintu vyose zakoze n’ivyo zigishije.’ Birumvikana ko zirushe. Yamara rero, ntizironka akanya ko gufungura kuko hari uruja n’uruza rwinshi. Nuko Yezu azibwira ati: “Nimuze, mwebwe mwenyene, ahiherereye mu gahinga muruhuke gatoya.”​—Mariko 6:30, 31.

Barurira ubwato, kumbure hafi y’i Kaperinawumu, bakagenda bagana ahantu hiherereye mu buseruko bwa Yorodani hirya y’i Betsayida. Ariko rero abantu benshi barabona ko bagiye, abandi na bo bakavyumva. Abo bose baranyaragasa bakajana inkengera y’ikiyaga maze bwa bwato bugasanga bamaze gushika.

Yezu avuye mu bwato, abona rya sinzi ry’abantu maze bamutera akagongwe kuko bameze nk’intama zitagira umwungere. Ku bw’ivyo, atangura “kubigisha ibintu vyinshi” vyerekeye Ubwami. (Mariko 6:34) Vyongeye, arakiza “abakeneye gukizwa.” (Luka 9:11) Amasaha yitereye, abigishwa biwe bamubwira bati: “Aha hantu ni mu gahinga kandi amasaha aramaze kwiterera; nurungike ayo masinzi, bagende mu bigwati bigurire ivyo kurya.”​—Matayo 14:15.

Yezu abishura ati: “Ntibirirwa baragenda: Be ari mwebwe mubaha ico barya.” (Matayo 14:16) Naho Yezu azi ico agiye gukora, aragerageza Filipo mu kumubaza ati: “Tugurira hehe imikate kugira aba barye?” Filipo ni we abazwa ico kibazo kuko aturuka i Betsayida hafi y’aho bari. Ariko rero, ingorane si ukuronka aho bagurira iyo mikate. Hari nk’abagabo 5.000, abantu bose hamwe bagashobora kuba baruta ico gitigiri incuro zibiri ushizemwo abagore n’abana! Filipo yishura ati: “Imikate iciye idenariyo amajana abiri [idenariyo ni umushahara w’umusi umwe] ntiyobakwira ku buryo umwe wese aronka gatoyi.”​—Yohani 6:5-7.

Yezu ariko avugana n’agahungu gafise udukate dutanu n’udufi tubiri

Kumbure mu kwerekana ko kugaburira abo bantu bose bidashoboka, Andereya agira ati: “Hano hariho agahungu gatoyi gafise imikate itanu ya sayiri n’udufi tubiri. Mugabo ivyo ni iki ku bantu benshi gutyo?”​—Yohani 6:9.

Ni muri Ntwarante canke Ndamukiza, imbere gatoyi ya Pasika yo mu 32, kandi ku musozi hari ubwatsi butotahaye. Yezu ategeka abigishwa biwe kubwira abo bantu ngo bicare mu migwi y’abantu 50 n’iyindi y’abantu 100. Aratora twa dukate dutanu na twa dufi tubiri hama akengurukira Imana. Maze atangura kumanyagura twa dukate yongera agabura twa dufi. Yezu arabiha abigishwa biwe na bo bakabigaburira nya bantu. Igitangaje, nya bantu bose bararya bagahaga!

Mu nyuma, Yezu abwira abigishwa biwe ati: “Nimwegeranye utumanyu dusigaye, kugira ntihagire igipfa ubusa.” (Yohani 6:12) Emwe, ibiseke 12 biruzura bikanihira!

  • Ni kubera iki Yezu aronderera intumwa ziwe ahantu hiherereye?

  • Yezu ajana he n’abigishwa biwe, kandi basanga ibintu vyifashe gute?

  • Abigishwa basaba Yezu gukora iki, ariko ni gute Yezu agaburira abo bantu?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika