ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • jy ikig. 9 rup. 26-rup. 27 ing. 1
  • Akurira i Nazareti

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Akurira i Nazareti
  • Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Ivyo bijanye
  • Ubuzima bwa Mbere bwa Yezu mu Muryango Iwabo
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Yarakingiye umuryango, arawuronderera, arumira kw’ibanga
    Niwigane ukwizera kwabo
  • Yarakingiye umuryango, arawuronderera, arumira kw’ibanga
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Yezu akiri muto
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
Ibindi
Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
jy ikig. 9 rup. 26-rup. 27 ing. 1
Yozefu ariko yigisha Yezu kubaza

IKIGABANE CA 9

Akurira i Nazareti

MATAYO 13:55, 56 MARIKO 6:3

  • YOZEFU NA MARIYA BARONKA ABANDI BANA

  • YEZU YIGA UMWUGA

Yezu akurira i Nazareti, igisagara gitoyi kidahambaye. Kiri mu buraruko mu misozi y’i Galilaya, mu burengero bw’ikiyaga kinini bita Ikiyaga c’i Galilaya.

Yozefu na Mariya bamuzanye ng’aho bamukuye mu Misiri igihe yari afise nk’imyaka ibiri. Biboneka ko ata wundi mwana bari bwaronke. Ariko rero mu nyuma, bene wabo basangiye nyina ari bo Yakobo, Yozefu, Simoni na Yuda baravuka. Yozefu na Mariya baravyara n’abakobwa. Ego cane, Yezu afise n’imiburiburi bene wabo na bashikiwe batandatu.

Vyongeye, Yezu arafise n’izindi ncuti. Turamaze kuvuga ivyerekeye Elizabeti n’umuhungu wiwe Yohani. Baba mu bumanuko i Yudaya, ku bilometero bitari bike. Salome ni we aba hafi i Galilaya, bikaba biboneka ko avukana na Mariya akaba rero ari nyinabo wa Yezu. Umugabo wa Salome yitwa Zebedayo. Abahungu babo babiri, Yakobo na Yohani baca baba bene nyinabo na Yezu. Ntituzi ko Yezu yakuranye n’abo bahungu, ariko bahavuye bamubera abagenzi somambike, bompi uko ari babiri baraba intumwa ziwe.

Yozefu arakora cane kugira atunge umuryango wiwe utera ugwira. Ni umubaji. Yozefu arera Yezu nk’umuhungu wiwe bwite, ari co gituma Yezu bamwita ngo ni “umwana wa wa mubaji.” (Matayo 13:​55) Yozefu arigisha Yezu umwuga w’ukubaza kandi akawumenya neza, ku buryo abantu basigara bamwita ngo ni “umubaji.”​—Mariko 6:3.

Yozefu na Mariya bariko bigisha abana babo ivy’impwemu

Ugusenga Yehova ni co kintu umuryango wa Yozefu ushira imbere. Mu gushira mu ngiro itegeko rya Yehova, Yozefu na Mariya barigisha abana babo ivyerekeye Imana ‘igihe bicaye mu nzu, igihe bagenda ku nzira, igihe baryamye n’igihe bavyutse.’ (Gusubira mu vyagezwe 6:6-9) I Nazareti hariho isinagogi. Nta gukeka ko Yozefu yama ajanayo n’umuryango wiwe gusenga. Mu nyuma biranavugwa ko Yezu yagiye kw’isinagogi “nk’uko yari amenyereye kubigira ku musi w’isabato.” (Luka 4:​16) Uwo muryango kandi urahimbarwa cane n’ingendo bama bagira baja ku rusengero rwa Yehova i Yeruzalemu.

  • N’imiburiburi Yezu afise bene wabo na bashikiwe bangahe?

  • Ni umwuga uwuhe Yezu yiga, kandi kubera iki?

  • Ni inyigisho ihambaye iyihe Yozefu aha umuryango wiwe?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika